Accueil > Ubutunzi > Ibiciro vy’isukari n’igitoro vyagabanuwe
Ibiciro vy’isukari n’igitoro vyagabanuwe
mardi 13 Nzero 2015
Ibiciro vy’ibitoro n’isukari vyagabanuwe, nk’uko bimenyeshwa n’ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’amaposita.
Igiciro c’iritiro ya Essence cavuye ku mafaranga 2220 kija ku mafaranga 2050 vy’amarundi, iritiro rya gasoil ryavuye ku mafaranga 2150 rija ku mafaranga 2050, iritiro rya peterori ryavuye 1920 rija ku mafaranga 1790. Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’amaposita, bumenyesha ko bwasubiyemwo ivyo biciro kuko kw’isoko mpuzamakungu igiciro c’igitoro cagabanutse.
N’igiciro c’isukari cagabanutse kikaba cavuye ku mafaranga igihumbi n’amajana umunani kija ku mafaranga 1650, ni kuvuga ko bagabanijeko amafaranga 150 ku kiro.
Tubibuste ko mu kwezi kwa Kigarama, igiciro c’igitoro cari cagabanuwe hagati y’amafaranga mirongo itanu n’ijana na mirongo ibiri, mu kwezi kumwe bakaba bagabanuye ibiciro vy’igitoro incuro zibiri zose.
Floxella Karire
Messages
13 Nzero 2015, 18:37, par Nuwera
Biranezereje cane, abateara ibintu kubuntu nabobadurangarize ukwicuciro vyogutwara abantu canke ibintu ukovyagabanutse murakoze.
13 Nzero 2015, 20:59, par Djuma
nonese ko ibiciro bikoroka nkabambona nagihinduka muvyereke gutwara ingezi murakoze
14 Nzero 2015, 21:37, par desire
ah babony kwamashamb yashush!ivy bavyit achat de consience en politic.ce ni 2015 ntibihez tuzobirab.mwibuk kwisok mpuzamakung cagabanuts 50%