Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burundi - RDC : Ibiciro vy’ukwinjira vyamenyekanye
Burundi - RDC : Ibiciro vy’ukwinjira vyamenyekanye
lundi 9 Munyonyo 2015, par
Abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA barabandanya imyimenyerezo y’ukwitegurira urukino ruzohuza Uburundi na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo rutegekanijwe kuri uwu wa kane igenekerezo rya 12 Munyonyo 2015.
Mu gihe abakinyi b’Uburundi bamaze kwegeranirizwa hamwe kugira babandanye imyiteguro (Local), abatumweko bose bava hanze baramaze gushika, aho twobabwira nka Fiston Abdul Razzak, MAKENZI, Kwizera PIERROT, Amissi CEDRIC, YAMINI SELEMANI, DIDIER Kavumbagu hamwe na NDAYISENGA FWADI.
Abitezwe ko bashika kuri uwu wa mbere ni Papy Faty, Nsabiyumva Frederick, hamwe na Tambwe Amissi. Gael Bigirimana asanzwe akinira umurwi wa Newcastle United F.C yari yemeye kuzokinira Uburundi, akaba akirindiriye uruhusha rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi (FIFA), kuko yigeze gukinira umurwi w’Ubwongereza w’abadakwije imyaka 21.
Ibiciro vy’ukwinjira :
Ku nkengera z’ikibuga (Pourtour) : Amafaranga ibihumbi bitatu vy’amarundi (3000 Frs) Ubwugamo A - D : Amafaranga ibihumbi cumi vy’amarundi (10.000 Frs)
Ubwugamo B - C : Amafaranga ibihumbi mirongo ibiri vy’amarundi (20.000 Frs)
Ubwugamo bw’iteka : Hazokwinjira abafise ubutumire.
Urwo rukino ruzobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kuri uwu wa kane, igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu. Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi rihamagarira abakunzi b’INTAMBA MU RUGAMBA kuza ari benshi gushigikira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi.
IGIHE
Messages
9 Munyonyo 2015, 18:11, par cumacindubaruba
bamwe bavuga inkino abandi nabo ngo ihonya bwoko reka abo banyarwanda nyane baririmbe barazi ko barikamishije.
9 Munyonyo 2015, 19:27, par criss
ICO nosaba reta nuko yakaza umuteka no cane ikarinda abobakinyi abicanyi batabahitana ngo duhombe nacane cane aho barimumyimenyerezo
9 Munyonyo 2015, 19:58, par karorero
komera cumacindubaruba,bambwire izontekabwa zaba genocidere zabanyarwanda nahima tuzokwigumira mubikorane vyubutumwa bwiza abazihana bazokizwa intamba oyyyyyeeeeeee!!!!!!
9 Munyonyo 2015, 20:03, par kamaro
congo tuzoitsindagira. nimubona ko umutekano ariwose?? iyaba atawo ibibihugu ntibiba biza gukinira mugisagara, rero abibuza umutekano bategerezwe kuubura, aho naho harazwi, turahifurije umutekano!!! itamba murugamba oyeeee....reta yuburundi oyeeeeeeeee.....
9 Munyonyo 2015, 21:23, par Thierry
Il s’agit de RDC et non RCD quel journaliste Burundais!!
10 Munyonyo 2015, 05:50, par sois correct
Si RCD ahubwo ni RDC cg DRC mu cyongereza. RCD ryari ishyaka rya politiki.
10 Munyonyo 2015, 08:02, par kilo
Congo kubita uburundi ubwihanize,kuko ntandero bagira
10 Munyonyo 2015, 09:16, par Combonye J
Icombo Kugorukino Nibakomere
10 Munyonyo 2015, 14:27, par mwa
NONE MWOMENYA URWORUKINO RUZOBA,RDC IZOZA NGAHA KANDI CRANED IVUGA KO ATAMAHORO AHARI. REKA TUZORABA.