Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarimyi bamenyeshejwe ikiringo c’ukurihirako umwavu wa kijambere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Abarimyi bamenyeshejwe ikiringo c’ukurihirako umwavu wa kijambere

Abarimyi bamenyeshejwe ikiringo c’ukurihirako umwavu wa kijambere

lundi 14 Mukakaro 2014

Igikorwa co kuriha amafaranga asigaye y’umwavu wa kijambere ku giciro kitavuna ku banyagihugu gitegekanywa mu ntango y’indwi igira kane y’ukwezi kwa Mukakaro gushika mu mpera z’indwi igira gatatu y’ukwezi kwa Nyakanga.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Odette Kayitesi, yaramenyesheje abarimyi bamaze kuriha igice ca mbere c’amafranga kugira bahabwe umwavu wa kijambere ku giciro kitavuna muri wa mugambi w’igihugu wo kurinsa umwavu abanyagihugu, ko iyugururwa ry’aho basanzwe barihira amafaranga muma posita rizotangura kuwa 21 Mukakaro gushika kuwa 21 Nyakanga 2014 aho basanzwe barihira igice c’amafaranga aba yarasigaye.

Ikindi kiringo kubazoba bataronse akaryo ko kuriha ayazoba yasigaye hakaba ari hagati y’igenekerezo rya 15 Munyonyo 2014 gushika ku magenekerezo ya 15 Nzero 2015. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Dodiko Prosper, umuyobozi ajejwe igisata kijanye no guha akanovera isi (fertilisation du sol) mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 11 Mukakaro 2014.

Dodiko Prosper yamenyesheje kandi ko ibiciro vy’umwavu wa kijambere ku giciro giciriritse vyagabanuwe. Ikindi yamenyesheje n’uko umunyagihugu afise uburenganzira bwo kugurisha umwavu aba yahawe mu gihe we yakwijije uwo yari akeneye.
Mu minsi iri mbere naho, abanyagihugu bazohimirizwa kugira buguruze amakonte muri posita, nk’uko Prosper Dodiko abimenyesha. Ivyo bikazotuma abarimyi bashobora guhabwa ingurane mu gihe bayipfuza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.