Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiciro vya Essence na Petrole vyagabanuwe . - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ibiciro vya Essence na Petrole vyagabanuwe .

Ibiciro vya Essence na Petrole vyagabanuwe .

mercredi 19 Munyonyo 2014

Ubushikiranganni bw’ubudandaji n’amahinguriro , amaposita n’ingenzi, bwafashe ingingo yo kugabanya ibiciro vy’ibitoro. Igiciro c’amazutu nico kitahindutse gusa.

Ubwo bushikiranganji bugasigura ko basubiyemwo ivyo biciro kuko n’igiciro c’ipeterori gisanzwe cagabanuwe kw’isoko mpuzamakungu nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ubwo bushikiranganji.

Igiciro ca essence rero cahora ku mafaranga 2360 cagiye ku 2340 amafranga y’amarundi kw’iritiro, ni kuvuga ko havuyeko amafranga 20 gusa. Igiciro c’ipeterori cavuye ku mafranga 2060 kija ku 2020, ni ukuvuga ko hakuweko amafranga 40. Ariko igiciro c’amazutu coco ntikirahinduka, cagumye ku mafranga 2200 iritiro.


Floxella Karire

Messages

  • Afin iyi ninkuru iremesha inyuma yuko yaradiyo yabanyagihugu yari imaze imisi ica ivutu ngo reta y’Uburundi itunzwe na za Decouvert.
    None ayo 20 bahevye ntibari kuyariha za decouvert bafashe.
    Ubu ndazi kuriyinkuru nta commataire nyishi ironka kuko ivuga vyiza.
    Mbe barundi murakenyeye mwame muvuga kubibi gusa?Jewe natora nareka ntabakunda uburundi mbona.Abo bita aba DD ntibakunda uburundi,Aba MSD nabo nuko,aba FNL bobo bararengeje ukwikunda,aba FRODEBU bobo batambukira kunda zabo none twohitamwo bande bakunda uburundi?
    Ngo uwutema ugwiwe umutiza umuhoro!

  • Barashaka amajwi.
    Jewe ahondi muri USA ESSANCE YAGABANIJWE 300FBU KURU 1LITRE. Aho rero ntimuduhende ngo mwagabanije nibiburiburi 1litre yarikwiye kugurishwa 2040FBU.

  • @ #####, ndagushimiye kubwagakebuzo uduhaye, muvyukuri abarundi ntitukinezerezwa nokwumva agakurukeza komuhihugucacu, amatwi asumira ngotunezerejwe noko habonetse agakurukeza ngotwobatwamamaje DD!!! Ngonicogiruma tuzirana nogushigikira ivyizavyomugihugu mwakinogihe!.

  • @ Ntandariyavyose, nindeyakubwiye komuri USA bagurisha igitoro by litle? Ariko rekandakwibutseko bakoresha icobita’ gallon, Igallon imwe ingana na litles 5 ivyorero vyogushaka kuzamuragumura abavukanyibacu barimu Burundi ngonuko twishikiye USA uranenya canke urahirwa!!!

  • hahaha, E mama ngo igitoro camanutse, e mama ngo tuvuge inkuru nzinza, e mama ngo ntitwemera ivyiza.

    Ndakeneye mumpe inyishu,
    - barill igurwa angahe kwisoko mpuz amakungu?
    - igihe bagishira kuri 2360 barill yari kurangahe?
    - Mbega Bus yahora kuri 350 bayishize kurangahe?
    - hagati mugihugu binguruza gute? vyagabanutse?
    - bagabanije kugira bene imiduga baronk ico barya canke kugira abene gihugu bakire? barguhuke igiciro co kwiyunguruza

    Nukuri turasavye abarundi bahagurukire rimwe dusabe reta ikorore igitoro kuko nubu ntaco yagabanije.

  • @Wow we,ndaziko muri USA bagurisha gas per gallon iyi nayo ikaba ingana na 3.78 litres. 1 gallon costs $2.70 uyavunjije mu marundi menshi boguha ni 4320FBU.none ga wow ayo uyagabanije na 3.78 litres wosanga 1 litre yogura angahe? Niba 1gallon irimwo 5litres niho wosanga izimvye canke izimbutse cane? Habenamba ntituriko turagumura abenegihugu dukora critics kuvyo tubona bitagenda neza iwacu mugihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.