Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibidukikije bifise akamaro kanini n’aho bamwe babihungabanya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ibidukikije bifise akamaro kanini n’aho bamwe babihungabanya

Ibidukikije bifise akamaro kanini n’aho bamwe babihungabanya

mercredi 9 Mukakaro 2014

Amashamba cimeza afitiye akamaro kanini Uburundi n’abarundi, ariko bikaba bigaragara ko adakingiwe neza kuko hari abirara muri ayo mashamba bakayahungabanya, nk’uko bivugwa Remy Ndayishimiye umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amazi, ibidukikije amatongo no gutunganya ibisagara.

Remy Ndayishimiye akavuga ko amashamba cimeza afitiye akamaro kanini igihugu mu kugikingira ubugaragwa nk’uko abahinga babimenyesha. Amashamba cimeza rero ya Rusizi, Kibira,Vyanda hamwe n’amashamba akingiwe ya Ruvubu n’ahandi afise akamaro kanini rwose, kuko atuma mu Burundi hagwa imvura, akayaga kakaboneka, eka ndetse ayo mashamba agatuma haba iterambere rirama mu gihugu.

Remy Ndayishimiye akavuga ko muri ayo mashamba harimwo ibikoko usanga biboneka mu Burundi gusa, kandi bigatuma ingenzi zirwira zije kubiraba. Hari n’ibindi bikoko usanga bikundwa biri muri ayo mashamba, aha akavuga nk’inguge, ingeregere, n’inyoni ziva mu bindi bihugu ziza mu Burundi.

Ariko rero bamwe mu bari mu mashirahamwe ajejwe gukingira ibidukikije bakaba bakunda kuvuga ingorane zihari z’abantu bavyonona, bagaca ibiti, abandi nabo bakarima muri ayo mashamba cimeza, mu gihe abandi bayaturira baronderera ubwatsi inka zabo, ibituma ibinyamuzima bihona.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ivyobidukikije igihecose umunyagihugu wese atazoba aravyishiramwo ko arikirumara reta nubwizorara iragiragute kugira abenegihgu baterimbere bizokwama vyagoranye, Arikose ndaguye ndagarutse , ivyobiti abenegihugu babitema kubera iki? Jewe nibwobwontarumuhinga , nibazako ibiti vyomu Burundi 70/100 biherera mugucanwa duteka, none tureke gutega? oyantibishoboka nugukomeza tubicana kugiraduteke, ariko kubera tuzi akamaro kigiti umuntuwese afise palacella irimwo akazu abamwo ahakikisheko abonako harimwo igiti bishobotse kirenze kimwe uwufise itonga ryokurimamwowewe guhera ku metero nkamirongo 50 kuduga ahakikisheko hataburamwo ibiti birenze 10 vyokorwagute kubera abarundi tumenyereye gukundagukora ikintu turinze guhimirizwa baba goronome bindimo bafatikanije nabajejwe ibidukikije bokwitaho guhimiriza abenegihgugu gutereribiti kandi hakabaho noguca amande abayabaye abatubahirije uwomugambi maze imbere yokubikora mukabanzamugateguza abenegihugu ko uwomugamwi ugiye gutangura amatangazo agaca kubinyamakuru, mumaradio, mumasengero/ imisigiti/ nomumashirahamwe, maze abenegihugu bakiyandikisha umwumwewese akavuga ibiti azokenera nubwoko bwavyo kukomurabizi kohariho abobitera ahasanzwe aterwa ibindibiterwa bagakenera ibiti bishobora kubana nibindi biterwa, nonehorero reta mukubafata mumugongo ubugirakandi ikoreza imivyaro yibitivyamokoyose canecane yisunze vyabindi abenegihugu bisabiye muma zone yose agize igihugu bishobotse kuriburi mutumba, maze icogigiti umwenegihugu akabayemerewe kucikorako ariko abanje kubisaba abajejwe ibidukikije kugira bamugirinama yukuntu imbere yokugitema akwiye kubanza kugisubiriza. Reta ikarwiza kurungika ababikurikirana boturutse kunzegozohasi gushika kuzohejuru, narinibagiwe kuvugako umwenegihugu yateye icogiti kigahura ningorane ntigikure yotegerezwa kubimenyesha abajejwe ibidukikije, ikindinarinibagiwe kuvuga nuko ivyobitivyose mwoba mwahaye abenegihugu uwariwewese ivyoyatoye mwovyandika igitigiri nizinaryiwe maze hazagiturumbuka umutegetsi wokurwego rwigihgu canke kurwego rwintara canke wokurwego rwikomine, zone na secteri, akabaza kuka mububiko bwibitabo vyanditswemwo babanyagihugu maze agahitamwo nkakarorero irizinaryanje Mama, akabona nanditsweko ibiti cumi, maze akaza akabaza izinaryanje abokumutumba ariko harigihe yobarikumwe nabajejwe ibidukikije mwiyo micungararo nsanzwe mbamwo maze akambwirango niwewe Mama nanjenti ndiwe, bakambira turashaka utwereke vyabiti 10 ahobiteye, hanyuma nkabibereka gurtyogurtyo hozaguhera imyaka 5 igihgucose cabaye ikibira, maze mukareba akavura karimwonakayagakeza ukuntu katwisukiramwo twese tukavugati harakabaho abajejwe ibidukikije. Igihegimwe nagiye kureba umwana arimugihugu kimwe mubihugu vya Bulaya mazenzanga ahari amazu atagerekanze yose atwikiriwe nibiti ndatanga kugezayaho urihejuru mukirere mundege udashobora kumenya kohariho amazu!!!

  • jewe nipfuza guteragiribiti ibihumbi mirongo itatu 30000 muramfasha mumpe api murumvako nzoba nkoze ikintu ciza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.