Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibifungurwa bifasha kugira inzara nziza kandi zikomeye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibifungurwa bifasha kugira inzara nziza kandi zikomeye

Ibifungurwa bifasha kugira inzara nziza kandi zikomeye

mardi 28 Nzero 2014

Kugira inzara nziza, zikura neza, zikomeye kandi zidacikagurika ni kimwe mu ngaruka ziterwa no gufungura neza. Abarundi nabo bakavuga bati : "Uwushaka akeza aragahebera".
Iyo umuntu yafashe ingingo yo kwitaho amagara yiwe, arondera uburyo bwose bwomutuma ashika ku ntumbero yihaye. Kubafise intumbero yo gufata umubiri wabo neza, bakurikiza impanuro baba bahawe yaba izigoye canke izoroshe.

Mu bushashakashatsi bwakozwe n’abahinga mu bijanye no gufungura neza, bavuga ko uko umuntu akura ariko n’umubiri ugenda urahinduka. Ku bijanye no gufungura haragera n’igihe umubiri utaba ukicakira ingaburo zo vitamine B kandi zari za nkenerwa mu mubiri. Ivyo navyo bigaca bituma haba ingaruka zitari nziza ku mubiri.
Inzara ni igihimba c’umubiri twashimye kugarukako ku bijanye no gufata neza ibihimba vy’umubiri.
Akarorero, iyo umuntu atanguye kugira inzara zimeze nabi, abagize ubushakashatsi, bavuga ko ari ikimenyetso ko ivyunyunyu vya acide folique biba bitanguye kubaganuka mu mubiri. Muri ico gihe, abahinga bahanura ko umuntu yoca afata imfungurwa zifise ivyo vyunyunyu, nk’ibiharage, ubushaza, irengarenga n’amapinari canke n’izindi mboga.

Ku bafise ingorane z’inzara ziguma zicikagurika kenshi, imfungurwa zifise amavuta murizo nizo zihanuwe gufungura kugira umubiri ufatanye n’inzara ugume unuze ushobore gukingira inzara gucikagurika.
Ku nzara zidakomeye naho, umubiri ukenera imfungurwa za ndemamubiri nyinshi, nko gufungura inyama z’inkoko, ingurube, amafi na cane cane iz’ubwoko bwa saumon.
Kudafungura imfungurwa zirimwo ivyunyunyu "Fer", bituma navyo inzara zidakura neza. Aho bigasabwa ko umuntu yoza arafungura imfungurwa nk’intete, umuceri, ibigori, agafungura amagi n’imapinari canke akazivanga n’imfungurwa zifise ingaburo C, nk’amatomati, amapwavoro, kugira bifashe umubiri kwinjiza fer nyinshi.
Ku bantu bafise inzara zama zumye kandi zikaragataye, bahanuwe kwama basiga iminsi yose mw’ijoro amavuta ya elayo (huile d’olive) ku nzara canke basige ayandi mavuta yazigenewe kugira zigume zibomvye.

Mwokwibuka ko inzara ziri mu birwanisho birwanira umubiri, nko kwiyagaza mu gihe hari ikintu gicokokeje umubiri, nko gufata utuntu duto duto dusaba kugira inzara. Mu gihe zidakingiwe naho, umubiri ntuheze ngo wimare uburyi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.