Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiganiro abanyeporitike bahoramwo ntivyabumvikanishije - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ibiganiro abanyeporitike bahoramwo ntivyabumvikanishije

Ibiganiro abanyeporitike bahoramwo ntivyabumvikanishije

vendredi 29 Munyonyo 2013

Abanyeporitike bo mu migambwe yose yemewe n’amategeko bari bamaze iminsi mu nama bayisozereye bumvikanye ko bazokwama bahura umwanya wose bazoba bafise ivyo batumvikanako kugira batorere hamwe umuti. Abahurikiye mu migambwe itavuga rumwe na Reta nabo basavye ubutegetsi kuzoshira mu ngiro ivyo biyemeje.

Kuva ku munsi wa gatatu gushika kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 29 Munyonyo 2013, abanyeporitike bariko barabira hamwe ibijanye n’ishirwa mu ngiro ry’urupapuro rw’inzira bemeranije mu ntumbero yo gutegura amatora yo mu mwaka w’2015. Nk’uko vyari vyitezwe ko iyo nama isozerwa abanyeporitike bumvikanye kw’iyubahirizwa ry’urupapuro rw’inzira, ukudahuriza kuvyavuyemwo nikwo kwaranze abari bitavye ibikorwa vy’iyo nama yatunganijwe na BNUB(Bureau des Nations Unies au Burundi) ifadikanije na Reta y’Uburundi.

JPEG - 47.6 ko
Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD

Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) amenyesha ko basubiriye gutakaza umwanya mu kumara iminsi baganira ibibazo, bagapfundika ingingo zitazoshirwa mu ngiro. Ikibazo cagumye kigarukwako n’abanyeporitike batandukanye, ni ikijanye n’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro. Mu birori vyo gutanguza ibikorwa vy’iyo nama, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Bernard Busokoza yari yamenyesheje ko naho integuro y’ibwirizwa shingiro yari yamaze kurungikirwa abashingamateka, abandi bose nabo bagiye guhabwa akaryo ko guterera ivyiyumviro. Abatavuga rumwe na Reta bari bashimye iyo ngingo, bagasaba ko iyo nteguro yoca ikurwa mu nama nshingamateka, abo vyega bakayiga gushasha. Imvugo imeze nk’iyukuvuguruzanya niyo yaciye yibonekeza. Ku ruhande rw’ubutegetsi bamenyesha ko ivyiyumviro vya bose bitigeze vyanka kwakirwa, ariko ko bidakenewe ko iyo nteguro ibanza kuvanwa mu nama nshingamateka kugira igaruke mu mpari.

Mu kiganiro umukuru w’umugambwe CNDD-FDD yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’iyo nama, Pascal Nyabenda yibukije ko ingingo y’297 n’iy’299 zitanga uburenganzira ku mukuru w’igihugu bwo gushikiriza ivyohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro, hama abafise ivyo baterera bakabicisha ku bashingamateka.

Umukuru wa MSD, Alexis Sinduhije amenyesha ko mu runani ADC Ikibiri batabonye iyo nteguro y’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ikuwe mu nama nshingamateka kugira bayitegurire hamwe n’abandi bose, ko atagisivya biteguriye guhamagararira abanyagihugu kwihereza amabarabara mu gihe ikiringo catanzwe n’urunani ADC Ikibiri cohera atagikozwe. Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD aranegura iyo ngingo yo kwihutira guhamagarira abanyagihugu kwihereza amabarabara, kuko ata nyishu y’ibibazo itanga. Ku bwiwe, abo bavuga ko bashaka guterera ivyiyumviro mw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro boshikiriza ivyipfuzo inama nshingamateka, igaheza ikavyisunga mu ngingo izofata.

JPEG - 33.3 ko
Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD - FDD

Pascal Nyabenda arakebura abo bashaka kuzokwihereza amabarabara abibutsa ko bazoba bariko barenga ingingo zimwe zimwe ziri muri rwa rupapuro rw’inzira biyemeza, ingingo zibabuza gukoresha inguvu mu bisabwa. Pascal Nyabenda amenyesha ko uwuzohamagarira abanyagihugu kugumuka azobibazwa ku gatwe kiwe.

N’aho abo banyeporitike batariko barahuriza kuri ico kibazo c’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro, Rwasa Agathon, avuga ko akirongoye umugambwe FNL, nawe nyene yari yatumiwe muri iyo nama arashima muri rusangi bimwe muvyavuzwe n’ivyapfunditswe, nk’ibijanye n’amategeko azogenga amatora, ukuzokwongereza uwundi murwi w’abahinga mu murwi CENI ( Commission Electorale Nationale Indépendante) utegura amatora, hamwe n’ukuzoshira abanyamigambwe mu mirwi itegura amatora ku rwego rwama komine ( CECI : Commission Electorale Communale Indépendanteno) hamwe no ku rwego rw’intara (CEPI: Commission Electorale Provinciale Indépendante).

JPEG - 36.6 ko
Rwasa Agathon

Rwasa Agathon ahubwo asaba ko ivyavugiwe muri iyo nama vyose mu bijanye n’ukwitegurira amatora vyoheza bigashirwa mu ngiro, kandi bikubahirizwa, ntibibe nk’ibimenyerewe bigarukira mu biganiro gusa.


Egide Nduwimana

Messages

  • Rwasa Agathon avuzeneza cane gusumvya Alexis Sinduhije kuko umugambi wa Alexis wokugumura abenegihugu simwiza kuko ashobora guhamagarira abobenegihugu mwibarabara maze akitabirwa nabo adashoboragu controra batarinomuriyomigambwe yomuri ADC canke muyindi migambwe yongaho muburundi maze iyomyigaragamvyo ikitabirwakubwishi navyabisuma bisanzwe birara kumigono abaturagihugu nabamwe bacungana nogukora mumifuko abariko barihigira utwobasuma mazerero bikamubana ibikomeye babandinabo ntiriwe ndavuga bavuzeko bazotera igisagara ca Bujumbura bagaca baronka akanya kogucengetera maze abarundi namakungu bagatangura kuvugango umurwi urongowe na Alexis Sinduhije uhanganye nabajejwe umutekano bu Burundi kumbe nabasi buwo Alexis nu Burundi bikitse mukiza nuko Alexis agasanga yahaye umuriro igitesi imodoka ariko atazi ukobafata fire! Hey! Attention around corner

  • Hee ALEXIS yitonde!! Ibintu ashikiriz abanyagihug sivyiz..narondere ibind yokora politike suko ..

  • Alexis ntibaguterubwobaabo ba DD abanyagihugu tuzobitaba ADC turiteguye iminsi niyashija atakiravamwo kandi nizo mbonerakure zitegure tuzohangana nibavyivangamwo turiteguye ntitwemera ko basubira guta igihugu mukaga abo ba DD

  • nibakurikiza ivyo bapfunditse bazoba bahesheje iteka uburundi mu makungu

  • AGATHON GWASA n’Umushingantahe w ’Ijunja n’Ijambo kandi abushitse ese Uburundi bworonka Abantu batatu bameze nka L’homme de Talent AGATHON GWASA Uburundi bwoca bwogorora
    GWASA komera kwibanga tukurinyuma twese
    IMIGAMBI Y’ABANA BABANTU SIYO Y’IMANA
    Bitebe bitebuke umunsi umwe intahe izofata ijambo ukuri kuje ahabona
    L’homme de valeur AGATHON GWASA
    L’homme de talent AGATHON GWASA
    L’homme fort AGATHON GWASA

  • Ni vyiza kuganira no kumenya ico ibiganiro bishika ko. CNDD-FDD muri ivyo biganiro vyose, ihungukira vyinshi. Kubera iyo Constitution, ituma bamwe barwanya CNDD-FDD bata umutwe abandi bagenda biyonjorora mu kurondera ibibanza mu matora ateganywa i 2015. Alexis Sinduhije akwiye kuhaberamagabo ntasubire gusamara muri urwo rukino rutoroshe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.