Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiganiro vyerekeye Syria vyasubiriye i Génève - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ibiganiro vyerekeye Syria vyasubiriye i Génève

Ibiganiro vyerekeye Syria vyasubiriye i Génève

mardi 11 Ruhuhuma 2014

Ibiganiro hagati y’abatavuga rumwe na Reta hamwe na Reta ya Syria vyarasubiye gutangura ku munsi w’ejo kuwa mbere mu nama igira kabiri y’i Génève, inyuma y’indwi imwe bihagaritswe.

Intumwa z’abatavuga rumwe na Reta, hamwe na Reta ya Syria bari kumwe ku munsi w’ejo kuwa mbere n’umuhuza w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Lakhdar Brahimi, inyuma y’indwi yose bahagaritse ibiganiro. Kalhdar Brahimi akaba yiteguriye kuja kuganira ugutandukanye n’uruhande rumwe rwose ukwarwo ku munsi w’ejo, n’aho ku munsi ugira kabiri, bakaganirira hamwe bose.

JPEG - 54.1 ko
Lakhdar Brahimi, umuhuza w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Muvyo rero bategerezwa kuganira hari ishirwa mu ngiro ry’ivyari vyashikirijwe mu nama ya mbere i Génève yo kuwa 30 Ruheshi 2012, aho basaba ko ingwano yohagarara, mu nyuma bagashiraho Reta y’imfatakibanza ihurijweko na bose. Ibindi biganiro vyari vyabaye kuwa 22 Nzero i Montreux bikaba vyahagaritswe kuwa 31 Nzero, ariko bakaba ata kintu bashitseko. Uwo muhuza Lakdhar Brahimi akizeza ko baza kugira ibiganiro bitunganijwe neza gusumba, bishobora gushika ku nyishu zirama.
Ivyo biganiro bikazomara iminsi itanu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.