IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ibigo vyakira abana bafunzwe vyabonetse mu ntara ya Ruyigi na (...)

Ibigo vyakira abana bafunzwe vyabonetse mu ntara ya Ruyigi na Rumonge

vendredi 24 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Imvugo yabaye ingiro , vya bigo bibiri bijejwe kwakira abana batarakwiza imyaka cumi n’umunani bafise ivyo bagirizwa n’ubutungane vyavutse, kimwe mu ntara ya Rumonge ikindi mu ntara ya Ruyigi.

Abana 96 nibo bamaze gukurwa mu mabohero atandukanye yo mu gihugu ,ibohero rya Rumonge, Bubanza ,Bururi, Mpimba, Muramvya, Gitega, hamwe na Ruyigi, bakaba baciye bajanwa muri ivyo bigo bishasha. Ivyo bigo vyuguruwe icese n’umushikiranganji w’ubutungane ari kumwe n’ishirahamwe UNICEF, hamwe n’ikigo Maison Shalom ku munsi wa gatanu uheze, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ikigo citaho ineza y’abana UNICEF.

Ivyo bigo rero kimwe gifise amashure, inyubakwa y’uburaro harimwo n’ubuzu bwa sugumwe bwo mu nzu, inzu y’amanama ,igikoni, inzu yo kwakiriramwo abantu. Ikigo co mu Rumongre naco kizokwugururwa kuwa 28 Ndamukiza .

Uwuserukira ishirahamwe UNICEF hano mu Burundi Johannes Wedening avuga ari ikintu gishasha kibaye mu butungane bw’Uburundi, kuko ivyo bigo bizotuma abo bana bafise ivyaha bagirizwa bahinduka cane mu buryo bwiza, mu gihe abana batari bake bafise ivyo bagirizwa n’ubutungane bari bahanzwe n’ingorane zitari nke. Ikigo co mu ntara ya Ruyigi kizotuma abo bana bakurikirana ivyigwa, bakongera bagakina n’abandi bana bo mu micungararo, kuko akenshi usanga abo bana baca bakumirwa kandi nabo bashobora guhinduka.

Maragarita Barankitse nawe ati, twari twariyumviriye Uburundi ata mwana n’umwe yoba ari mw’ibohero kuko ikibanza c’abana atari mw’ibohero . Ariko rero mu masezerano mpouzamakungu ajanye n’agateka k’abana Uburundi bwateye ko igikumu mu mwaka w’1990, arategekanya mu ngingo ya 40 ko abana bafunzwe bategerezwa gufatwa ukwabo agateka kabo kakubahirizwa.

Tubamenyeshe ko ivyo bigo bikaba vyubatswe ku mfashanyo ya Reta ya Norvege hamwe n’ishirahamwe UNICEF ryo mu budagi, bikaba vyubatswe mu ntumbero yo guteza imbere imibereho y’urwo rwaruka rufunzwe, nk’uko iryo tangazo ribandanya ribivuga.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.