Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibigoga : Imwe mu ndwara zikarira abana n’abakuze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibigoga : Imwe mu ndwara zikarira abana n’abakuze

Ibigoga : Imwe mu ndwara zikarira abana n’abakuze

jeudi 21 Myandagaro 2014

Ibigoga n’indwara ibabaza cane uwuyigwaye, kandi ikaba yandukira cane. Mbega iyo ndwara imeze gute? Umuntu yoyikingira gute? mbega ifata abana n’abakuze?

Mu kiganiro muganga Kabila Siri yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uyu wa kane genekerezo rya 21 uku kwezi, yatanze umuco ku ndwara y’Ibigoga ariyo "angine" mu kinyamazuru. Avuga ko ari indwara ifatira mu muhogo, ikaba iri mu bwoko bubiri butandukanye: ibigoga biva kumugera (angine virale) n’ibigoga biva ku gakoko kitwa "streptocoque"(angine bactérienne). Uyo mugera canke ako gakoko, vyandukira biciye mu muyaga mu kwasamura canke mugukorora, gukora kubintu biriko uyo mugera nk’ibikinisho, terefone, udutambara twokwimyiza n’ibindi…

Ibimenyetso vy’iyo ndwara n’uko umuntu ababara cane mu muhogo, ntashobore kumira neza ivyanyoye canke afunguye, agashuha hagati y’ibipimo 38ºC na 39ºC, akagira agakorora, akababara munda canke agacibwamwo. Ivyo bimenyetso birahindangurika bivanye n’imyaka y’umugwayi n’umugera wayo.

Mukwirinda kwandura iyo ndwara y’ibigoga, nu gukaraba neza umwanya wose, guta udutambara twakoreshejwe mu kwimyira, kwirinda kwegera n’ugusangira ibikoresho n’uwuyigwaye nk’akarorero igikombe, amasahani, kugirira isuku inzu ubamwo. Uwuyigwaye nawe, muganga Siri avuga ko yokwirinda kwanduza abandi mu kutabegera cana cane abana bato nk’utuyoya, abantu bashaje canke bagwaye, mu kutabasoma canke kuramukanya akoresheje ibiganza, akasamurira canke agororera mugatambara acata ubwo nyene.

Ikindi umuntu yomenya ni uko iyo ndwara ifata abana n’abakuze ariko igakarira cane cane abana bakiri bato. Mu gihe imvura itasuye, iyo ndwara niho ifata abantu benshi gusumba. Kandi abashakashatsi babafaransa bavuga ko indwara y’ibigoga ifata cane umwana arenza imyaka ibiri n’umuntu akuze ari musi y’imyaka 40. Mukuvura iyo ndwara, bivana n’umugera canke agakoko kayiteye, nico gituma uwuyigwaye ategerezwa kuja kwa muganga kugira bamuvure neza, kuko iyo itavuwe neza ifise ingaruka mbi nyinshi, bigatera izindi ndwara.


Nadege Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.