Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ibihugu vyo muri Afrika vyaraye bisezeye inkino zo muri Bresil
Ibihugu vyo muri Afrika vyaraye bisezeye inkino zo muri Bresil
mardi 1er Mukakaro 2014
Ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika vyari vyashoboye gushika mu gice c’umunani c’amahiganwa y’igikombe c’isi, yatekeye isubira iwabo. Hasigaye ibihugu 4 biza gukina, muri ivyo 2 gusa bitegerezwa kubandanya mu gice ca kane c’amahiganwa.
- Abana bo muri Nigeriya bashigikiye umurwi wabo
Ibihugu Nigeriya na Algeriya vyari vyashoboye gushika mu gice c’umunani c’igikombe c’isi, ariko ivyo bihugu vyasezeye amahiganwa. Igihugu ca Nigeriya cakuwemwo n’Ubufaransa. Urukino rwarimwo ugushaka gukomeye ariko igihugu c’Ubufaransa cararushije Nigeriya, niko gutsindwa ibitsindo 2 ku busa. Igitsindo kimwe c’Ubufaransa cinjijwe n’umukinyi wa Nigeria Joseph Yobo. Icabonetse muri urwo rukino ni Vicent Enyeama, umunyezamu ari nawe kizigenza w’igihugu ca Nigeriya yavyifashemwo neza cane muri urwo rukino naho atamahigwe yo gukubandanya bagize.
- Joseph Yobo ahejeje kwiyinjiza igitsindo
Isaha zitandatu z’ijoro, Algeriya yariko inyinyurana n’Ubudagi, urukino rutari rworoshe kuko ivyo bihugu vyatatuwe n’umwanya w’inyongera ari naho igihugu ca Algeriya catsindwa ku tsinzi y’ibitsindo 2 kuri 1.
Ibihugu bimaze gushika mu gice ca kane ni ibi bikurikira : Ubufaransa, Ubudagi, Ubuholande, na Costa Rica. Hasigaye ikiva mu nkino zihuza Argentine na Suisse n’Ubwongereza butana mu mitwe na Reta Zunze za Amerika.
Ikimaze kumenyekana n’uko mu gice ca 4, urukino rwa mbere ruzohuza Ubufaransa n’Ubudagi, Bresil izokina na Colombie, Hollande ikine na Costa Rica.
Cherif Nkeshimana
Messages
4 Ruhuhuma 2017, 18:43, par nkurunziza
jew niyumvra ko inkinozobandanyanitwankurunziz womurikominemugina intarayacibitoki agacimbiribusaga