Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ibikombe bitatu ku murwi wa Vitalo mu mwaka umwe w’2015
Ibikombe bitatu ku murwi wa Vitalo mu mwaka umwe w’2015
samedi 25 Mukakaro 2015
Umurwi Vitalo wandikishije amateka m gutahana ibikombe bitatu mu mwaka w’umupira w’amaguru w’2015 mu Burundi.
Igikombe ca mbere umurwi Vitalo watahanye,ni igikombe c’ihiganwa ryo ku rwego rw’igihugu Primus Ligue,mu gihe ikindi gikombe watahukanye ari igikombe c’umukuru w’igihugu inyuma y’urukino rwa nyuma rwawuhuje n’umurwi Atletico Olympique ku kibuga Uurukundo co mu ntara ya Ngozi.
Urukino rwawuhaye igikombe ca gatatu,rwabaye kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 25 Mukakaro ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.Umurwi wa Vitalo wasubiye guhura n’umurwi Atletico Olympique mu kurwanira igikombe ca Super Coupe.
Urukino rwarangiye umurwi wa Vitalo utsinze ibitsindo 3 k’ubusa bwa Atletico Olympique.Igitsindo ca mbere cinjiye ku munota wa 24 w’igice ca mbere cinjijwe n’umukinyi Moussa Mossi akinira Vitalo,igitsindo ca kabiri cinjiye ku munota wa 55 cinjijwe na Mavugo Laudit,igitsindo ca nyuma cinjijwe n’umukinyi Chabalala ku munota wa 60.
Umurwi wa Vitalo uronka imiliyoni indwi z’amarundi(7000000 frbu) kuko wabaye uwa mbere mw’ihiganwa rya Primus,uce uronka n’imiriyoni imwe n’igice(1500000frbu)kuko watsinze urukino rwa Super Coupe.
Umukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi kandi yigenjeje neza ava muri Vitalo
Umukinyi Mavugo Laudit akinira umurwi wa Vitalo niwe yabaye uwa mbere yinjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rya Primus Ligue.Ihiganwa ryarangiye umukinyi Mavugo Laudit yinjije ibitsindo 31.Mavugo Laudit ahabwa agashimwe k’umuliyoni w’amarundi (1000000 frbu).
Umukinyi Mavugo Laudit yaronkejwe kandi agashimwe k’umuliyoni w’amafaranga y’amarundi,inyuma yo gutorwa n’abamenyesha makuru b’inkino mu Burundi.Laudit Mavugo atahanye agashimwe k’imiliyoni zibiri (2000000 frbu) z’amarundi.
Mwomenya ko umurwi wa Vitalo uzoserukira igihugu mu nkino zihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu iwabo ku mugabane wa Afrika.
Messages
25 Mukakaro 2015, 19:46, par uwamahoro
Umugaboyamaarumugabo. Vital’o oyyyyyy
25 Mukakaro 2015, 19:54, par Jacques Niyonkuru
Jewendashimiraumukinyimavugoroditkukoarateturuyeumugwiwiwe
25 Mukakaro 2015, 21:47, par Onésime
Nimukomere Mugarukane Agateka Ka Vitalo No K’ Uburundi Bwabibarutse .Mugabo Mutere Muja Imbere Mubikombe Vy’Isi.
25 Mukakaro 2015, 22:03, par Thadée Ngozi
Thank You For Tm Of Vitalo And Mavugo Ld.Nukuri Ntawutoshima Murakoz Kutunezeza Twebw Aba Funers
25 Mukakaro 2015, 22:28, par bigirimana
Ndababajwe nuwanditse ino nkuru ngo vital’o yandikishije amateka ico ni ikirundi? Tuvuga kuvavanura nurwanda ariko ntiwumva uragenda ubeyo namba utari DMI yu Rwanda
26 Mukakaro 2015, 05:06, par Falcon
Ubwo bufafa ngo nibikombe nibaveho,izo mbonerakure,jewe nagira ngo batwaye ibikombe vyo hanze y’igihugu c’uburundi.
27 Mukakaro 2015, 15:47, par nyandwi salvator
ndakeje vitalo nayawunde narodimavugo
4 Ruhuhuma 2016, 20:56, par PASCAL NAHIMANA
JEWE NDASHIMA RODI AHUBWO NDAMURABIRA KWIGIRA MURI ZA BARSELONE IMANA IMUZIGAME
9 Ruhuhuma 2016, 17:14, par RUBEN
NDASHIMA UMUKOC’AKOCA VITAL’O KUKO YARAGIZENEZA GUPANG’A BAKINYINEZA NDIPFURIJENEZA VITARO OK NKABANDANGIJE MVUGANGO VITAL’Oyyyy VITAL’TSINDAAAAA
20 Ruhuhuma 2016, 22:52
ndifuza ko vitaro yuko yozana igikombe nkandi nkaba nifuza kuba umufana wa vitaro
22 Ruhuhuma 2016, 09:38, par kansuraheba fabrice
ndakeje umumwenyereza wa vitaro ngo akamere kwibanga kandi saba ngo Imana ibaje imbere batahukane igikombe cunu mwaka