Accueil > Amagara y’abantu > Ibikoresho biciye imiriyoni 300 y’amarundi vyahawe ubushikiranganji (...)
Ibikoresho biciye imiriyoni 300 y’amarundi vyahawe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu
mardi 28 Nzero 2014
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida bwararonkejwe n’ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe za Amerika mu Burundi ingabire y’ibikoresho bitandukanye yaba inyabwonko hamwe n’ibikoresho vyo gupima, biciye amafaranga amadorari 196000 y’abanyamerika, ni ukuvuga imiriyoni 300 z’amafaranga y’amarundi.
Ku munsi w’ejo kuwa mbere igenekerezo rya 27 Nzero 2014, uwuserukira Reta zunzubumwe za Amerika mu Burundi, Dawn Liberi ari kumwe n’icegera c’umunyamabanga w’ibiro vy’ibikorwa mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika, David Gilmour, yarahaye imfashanyo igihugu c’Uburundi y’inyabwonko 21 ku mugambi wo kurwanya umugera wa Sida, hamwe n’imashini 12 zo gupima, ku bitaro vya Ngozi, Gitega, Bujumbura hamwe na Bujumbura rural.
Mw’ijambo yashikirije, Dawn Liberi akaba yamenyesheje ko iyo mfashanyo izofasha mu gushigikira ibikorwa vya Reta y’Uburundi vyo kurwanya umugera wa Sida, hamwe no gukinga ku bavyeyi ntibanduze abana babo.
Yashimikiye cane ku bimaze gukorwa mu kugira bakingire abana banduzwa n’abavyeyi babo, na cane cane ko biboneka ko mu Burundi bari bakwiye gukinga gose ku rugero rusumbirije.
Muri ivyo bikoresho rero, hakaba harimwo ibikoresho bizotuma babona urugero umugera wa Sida ugezeko mu mubiri, hamwe no gukurikirana abari ku miti.
Sabine Ntakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida akaba yaboneyeho akaryo ko gushimira Reta zunzubumwe za Amerika zidahengeshanya gufata mu mugongo igihugu c’Uburundi, na cane cane mu kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, kuko kuva mu mwaka w’2005, Reta zunzubumwe za Amerika zimaze gutanga imiriyoni 62 z’amadorari.
Floxella Karire
Messages
28 Nzero 2014, 19:22, par Joel nzeyimana
Imana irakunda UBURUNDI Nabarundi nihe inguvu abaganga bakore nkabikorara mukwita kubagwayi". abobanyamerika nabo turashimama cane ukuntu batibagira igihugucacu Imana ibahe imigisha.
29 Nzero 2014, 02:25, par Mama
Amerika ifise umwitwarariko mwishi k’uburundi nabarundi, natwe turakunda cane abanyamerika ( America has a lot of care burundi and burundians, we love so much American.