Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akarere ko Hagati gahanzwe na zimwe mu ngorane mu gisata c’indero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Akarere ko Hagati gahanzwe na zimwe mu ngorane mu gisata c’indero

Akarere ko Hagati gahanzwe na zimwe mu ngorane mu gisata c’indero

vendredi 14 Munyonyo 2014

Ibikoresho vyo mu mashure birakenye mu ntara zo Hagati, cane cane ibikoresho mfashamwigisha, nk’uko bivugwa na Rénovat Niyonkuru umuyobozi w’indero mu karere ko Hagati.

Rénovat Niyonkuru akamenyesha ko zimwe mu ngorane zihanze ico gisata hari kubura bimwe mu bikoresho vy’abigisha, abanyeshure baheba amashure, eka mbere na bamwe mu bigisha batabifitiye ubushobozi. Agasaba ko hoza haraba inyigisho nyinshi muri ico gisata c’indero cane cane ku bigisha, ivyo bikaba vyotuma igisata c’indero gisubira kugira akanovera nka mbere. Umuzo w’ishure nshingiro nawonyene ukaba watumye na zimwe mu ngorane zirwira, aho hakaba nk’ururimi rw’igiswahili rubera intambamyi yaba abigisha canke abanyeshure.

Mukamenya ko muri ako karere ko Hagati kagizwe n’intara za Gitega, Karuzi, Ruyigi, Mwaro, Cankuzo na Muramvya, bamwe mu banyeshure bata amashure bakaja kwironderera ubuzi mu bisagara, ubwo nabwo buhurumbirwa nabo bana, bukaba ari nko kuja gukora mu mazu, kurara amazamu, n’ubundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ndasaba abarundi bafatikanije nareta bibandecanecane nokikwigisha abanako umunyeshure akwiyekumenyako umwigisha arumuvyeyi mubavyeyi nubwoyobona akirumusore (inkumi) wi, yimyaka 25 amwubahe kumuvyeyi, abongereza bavugango’ perent teacher, ndahamagariracane abavyeyirero kuzabarabwira abanababoko abarimu arinabavyeyi babo atimububahe atimbere ubonye umwigisha uwariwewese umubahe nubwoyoba atarumwigisha wawe atimbere nubwoyoba atarinumwigisha wokukingo wigamo umwubahe, birababaje kubona umumwigisha abwirumunyeshuri atindaguhana mazumunyeshure akishurango wabaye data,mama ahumpana? Yahuda nuyundi.wigisha akamubwirati’ ntwarira izikaramu kuriyamwigisha runaka wamunyeshure akamubwirango: Wabayumwigishawanje!? Ivyonibindi birababaje. Jewe narize mwishure ryumwaka wagatandatu ndarimaramwo imyaka itanu nahavuye ndumusore muremure wimyaka 19 ariko abarimubatandukanye bantumye ikintu narabagamburukira kandinakoze ikosha barankubita utunyafu nubwobamwe nabandabasuvya uburebure.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.