Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vy’ibarabara Bukeye - Butaganzwa - Gahombo - Gatara bigiye (...)
Ibikorwa vy’ibarabara Bukeye - Butaganzwa - Gahombo - Gatara bigiye gusubirwamwo
mercredi 19 Ruhuhuma 2014
Mu kigo kijejwe amabarabara (office des routes) baremeza ko ibikorwa vy’ibarabara Bukeye - Butaganzwa – Gahombo – GATARA vyaranzwemwo utunenge tutari duke, nk’uko vyashikirijwe n’ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abanyonyeza amatungo ya Reta Olucome.
Mu gihe ishirahamwe OLUCOME (observatoire de la lutte contre la corruption et les malversations économiques) riherutse gusemerera ko ibikorwa vy’ibarabara Bukeye - Butaganzwa - Gahombo - Gatara ririko rirakorwa nabi. Mu buyobozi bukuru bujejwe amabarabara, baremeza ko nabo nyene ko ivyo bikorwa vyaranzwemwo utunenge tutari duke. Nk’uko bimenyeshwa na Desiré Masumbuko ubu hakaba hari abahinga batandukanye kugira bakurikiranire hagufi ivyo bikorwa, mbere bikaba bigiye gucungerwa gushika bihere kuko vyibonekeje ko hoba harabayemwo ubunyonyezi.
Ishirahamwe EBENNES ryari ryahawe isoko rikaba ryongewe ikiringo c’amezi abiri kugira rizobe ryarangije ibikorwa ryongere rikosore utunenge twagiye tuboneka, aho ni mu gihe ryategerezwa gukora ivyo bikorwa mu kiringo c’amezi 6. Iryo barabara rikaba rizotwara uburyo bungana amafaranga y’amarundi 680.000.000.
Tubibutse ko ishirahamwe OLUCOME ryavuga ko ritewe impungenge ku vyerekeye ubwaguke bwaryo (largeur),imiserege hamwe n’ububi bw’ibikoresho hamwe na nyene guhabwa isoko kuko yoba azwi cane mu bunyonyezi.
Floxella Karire
Messages
19 Ruhuhuma 2014, 18:31, par sebantu
Nyabuneka muri iriya koni mwihutire kuhatera ibite hatazogira umuduga wagwayo mbonye ari habi hazoshirira abantu. Umenga boza kureba ingeni mu RWANDA TUBIGENZA AHANTU NKA HARIYA. Twama tuhabungabuga cane gose.
19 Ruhuhuma 2014, 19:32, par Mama
@Sebantu, ivyuvuze nivyiza ariko kuberiki uciyushaka guteza abarundi ngo bavugeko abanyarwanda biyemera? kukowewe ntiwarikwiye kuvugango iwacumu Rwanda wewekandi urumurundi kandizeruka najewe ntazivyogukora ivyamabarabara nubwontorindakujamukindigihugu haryanocabonako hakenewe kwitwararikwa cane mwarirya corner, ahorero twocadusimbira kubanyarwanda ngo bariyemera kandi ataribo bavyanditse! Ahubwowarikuvugango zamuragenda kureba mubindibihugu ukobacora amabarabara.