Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ibikorwa vy’ihiganwa rya Primusic vyaraye bitangujwe icese
Ibikorwa vy’ihiganwa rya Primusic vyaraye bitangujwe icese
mardi 9 Mukakaro 2013
Ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere w’igenekerezo rya 8 Mukakaro 2013, mw’ishirahamwe rihingura ibinyobwa Brarudi harabereye ikiganiro n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo gutanguza ibikorwa vy’ihiganwa rya Primusic ry’uyu mwaka w’2013, iryo higanwa rikaba rihuza abaririmvyi b’abarundi baturuka mu ntara zose z’igihugu.
Muri ico kiganiro habanje kwibutswa ingene ihiganwa ry’umwaka uheze ryagenze kugira ngo harabwe bimwe mu bitagenze neza bizokosorwe. Nkuko abahagarariye iryo higanwa babimenyesheje abamenyeshamakuru, iryo higanwa ririho ku nyungu z’abaririmvyi n’abanyagihugu. Ritunganijwe ku buryo umuririmvyi wese aririmba ari umwe kandi ategerezwa kuba arenza imyaka cumi n’umunani nk’uko amategeko y’iryo higanwa abivuga.
Ibikorwa ry’iryo higanwa bikaba bitegekanijwe kuri ubu buryo; kwiyandikisha kw’abazoryitaba vyaratanguye, bikazohera kw’igenekerezo rya 17 Mukakaro 2013, ubu bikaba biriko bikorerwa ku rubuga ngurukana bumenyi rwa Brarudi kuri www.primusic.bi
Ibikorwa vya Primusic bikaba bizorangira kw’igenekerezo ya 17 Nyakanga 2013, aho bitegekanijwe ko rizomara ikiringo c’amezi abiri ugereranije igihe ritanguriye. Iryo higanwa rikazohera intara zose z’igihugu zikorewemwo ibiteramo bitandukanye mu guhitamwo abaririmvyi muri buri ntara kandi ibiteramo vyose bikazokwitabirwa n’umuririmvyi Rally-Joe mbere na Sat-b.
Bakomeje bamenyesha ko umuririmvyi azotwara iryo higanwa rya Primusic 2013 azohabwa agashimwe k’imiliyoni 15 z’amarundi, uwabaye uwa kabiri ahabwe imiriyoni 5, uwa gatatu aronke imiriyoni 2 n’igice, uwa kane aronke umuriyoni 1 n’igice, uwa gatanu ace aronka imiriyoni 1, hama uwa gatandatu nawe aronke ibihumbi 500. Muri rusangi, abazoshika mu gice ca nyuma c’ihiganwa bose bazoronswa ubushimwe butandukanye.
Joel Sengurebe
Messages
13 Mukakaro 2013, 10:13, par NZOYISABA Gérard
Salut,pour moi cette compétition a une grande importance pour la music burundaise.Et moi aussi je suis chanteur connu sur la chanson"KORIVYOMWIYEMEJE" qui a été sur Isanganiro Award, je voudrais m’inscrire à cette compétition de Primusic:
Nom NZOYISABA
Prénom Gérard
Province BUBANZA
Commune MPANDA
13 Mukakaro 2013, 11:12, par Jules NDIKURIYO
Amahoro, je ndashima kubw’iryo higanwa rya Primusic rituma abaririmvyi babarundi bakomeza ibikorwa vyabo. Hama nkarangiza ngira nti:Jury ize ivytondere ntihazobemwo nkinzi