IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vy’urumuri rw’amahoro vyarasozerewe icese

Ibikorwa vy’urumuri rw’amahoro vyarasozerewe icese

jeudi 15 Myandagaro 2013

Umukuru w’’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yarasozereye urumuri rw’amahoro, rwari rumaze iminsi igera kw’icumi ruriko rurazunguruka mu gihugu cose ku c’icivugo kivuga ishure nshingiro, umushinge w’iterambere rirama.

Imisi ibiri gusa imbere y’uko ico gikorwa kirangira, urumuri rw ‘ amahoro rwaciye ruzunguruka intara ya Bururi hamwe n’ intara ya Bujumbura Rural. Muri ico gihe nyene, abakuru bamwe bamwe bajejwe utwo duce two mu gihugu barerekanye ishaka rinini mu kwubaka amashure nshingiro. Amasanamu yerekanywe ku mboneshakure y ‘igihugu, yerekanye ibikorwa vyaranguwe mu makomine ya Matana, Burambi, Rumonge, Bugarama hamwe na kabezi.

Mu gisagara ca Bujumbura urumuri rw‘amahoro rwaciye rusubizwa umukuru w’igisagara ca Bujumbura aruhawe na buramatari wa Bujumbura Rural. Nk ‘uko vyagenze nahandi hose mu gihugu urumuri rw ’amahoro rwaboneshereje abanyagihugu mu kwubaka amashure shingiro. Umukuru w’igihugu c’uburundi akaba yaciye nawe yakirira urwo rumuri rw ‘amahoro muri komine Kinama iri mu gisagara ca Bujumbura.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.