Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vyo gusanura ibarabara Bujumbura - Bugarama birategekanijwe
Ibikorwa vyo gusanura ibarabara Bujumbura - Bugarama birategekanijwe
lundi 14 Mukakaro 2014
Ibarabara BUJUMBURA – BUGARAMA rigiye gukorwa mu minsi ya vuba. Ibikenewe vyose kugira rikorwe vyamaze gukwira, hasigaye gusa gutera igikumu ku masezerano hagati ya Reta y’Uburundi hamwe n’ishirahamwe rizokora iryo barabara RN 1.
Ibarabara RN1 Bujumbura Bugarama rigiye gukorwa mu minsi ya vuba, ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru w’amabarabara Désiré Masumbuko, kuri uno wa mbere igenekerezo rya 14 Mukakaro 2014. Igikorwa kizokurikira, akaba ari ugutanguza ibikorwa imbere y’uko igihe c’imvura gishika.
Tubamenyeshe ko iryo barabara ryononekaye cane igihe hagwa ya mvura yo mu kwezi kwa Ruhuhuma yahitanye abantu n’ibintu. Ubu ndetse ibiduga binini binini bikaba vyarabujijwe kuhaca kugitinya ko vyogira amasanganya. Kuri iryo barabara uhaciye ahatari hato haramanyutse, ahandi naho huzuye imigaga. Hari aho ndetse imiduga ibiri idashobora kuhaca ibangabanganywe. Iryo barabara kandi riri mu mabarabara kirumara mu Burundi.
Floxella Karire
Messages
15 Mukakaro 2014, 11:36, par Birahinduka
Iyo migambi izoherera munteguro.Ikizwi kiraje ishinga ubutegetsi is ineza y’abanyagihugu ni amatora bategura kujamwo no kuyaronsa uburyo.Aho hantu hose hashobora kuva financement barahabona kandi ubwo buryo barabunyuruza budkoze ico bwategerezwa gukora muntumbero yo kurondera amafranga ngo azokora amatora.Ngo n’aho amahanga atotanga ayo mafranga boba bariteze kuyitangira.None wumva boyakura he batagiye bakora uko!