Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vyo kwubaka isoko yo kuri COTEBU biriko birikwega
Ibikorwa vyo kwubaka isoko yo kuri COTEBU biriko birikwega
jeudi 6 Ruheshi 2013
Kuri uno munsi iwa kane igenekerezo rya 06 Ruheshi 2013, umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Melchior Simbaruhije yamenyesheje ko ibikorwa vyo kwubaka isoko mfatakibanza ya COTEBU bitararanira ku mvo zitandukanye.
Melchior Simbaruhije yavuze ko ibikorwa vyo kwubaka iyo soko izofasha kugira hakorere b’ababadandaza baburira utwabo mw ‘isoko nkuru ya kera ya Bujumbura biriko bigenda vyitonze cane bikaba biva ko uburyo butariko buraboneka muri uno mwanya.
Igitigiri gikenewe kugira iyo soko yubakwe kikaba kitarakwira mugabo akaba amenyesha ko ibikorwa vyasubiye kubandanya muri kino gihe. Avuga ko Leta iriko irakora uko ishoboye kugire ico kibanza gihere ababuriye utwabo mw’isoko basubire kuronka aho badandariza.
Floxella Karire
Messages
7 Ruheshi 2013, 13:03, par Mpawenimana richard
Kuvyerekeye isoko ya cotebu, twosaba leta y’Uburundi yuko yorondera uburyo ikanyarutsa ibikorwa vyokuyubaka ,kuko hariho abantu benshi batararonka aho bakorera mwakino gihe .