IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibimenyeshamakuru bigiye guhagarika indirimbo ariko ntibazohagarika (...)

Ibimenyeshamakuru bigiye guhagarika indirimbo ariko ntibazohagarika kuvugira Mbonimpa

samedi 19 Mukakaro 2014

Ibimenyeshamakuru bine vyigenga vyo mu Burundi biremera ko bigiye guhagarika ubutumwa n’indirimbo vyari bimaze iminsi bicishwa mu makuru avuga ifungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa, ariko bararahira bakarengwa ko batagiye guhagarika kumuvugira.

Mw’itangazo basohoye kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 18, abarongoye ayo maradiyo uko ari ane ariyo BoneshaFM, Isanganiro, RPA hamwe n’insamirizi n’imboneshakure Renaissance, bamenyesheje ko iyo ngingo y’urwego CNC idafise ishingiro, ariko baremera ko bagiye guhagarika ubwo butumwa n’indirimbo vyahora bivuzwa hagati mu makuru, naho bahakana ko batagiye guhagarika kuvugira Petero Karaveri Mbonimpa, hamwe n’izindi nzirakarengane zose. Iyo ngingo bakaba bayifashe kugira ntitere impari muri kino gihe.

Tubamenyeshe ko iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho urwego CNC rufatiye ingingo yo kubuza ibimenyeshamakuru gusubira gutanga ubutumwa canke kuvuza indirimbo zijanye n’idosiye ya Petero Karaveri Mbonimpa, gushika sentare ishikirije urubanza rwiwe. Muri CNC bavuga ko ubwo butumwa n’indirimbo bishobora kugira ingaruka mbi mu gutuma abacamanza bafise iyo dosiye batayikora neza, kuko kubw’urwego CNC, ubwo butumwa busa n’ubuhamagarira abanyagihugu mu migumuko, hamwe no gusuzugura ubutegetsi.


Floxella Karire

Messages

  • Bavukanyi barundi barundikazi bamenyeshamakuru, umuvyeyi burya agirira urukondo ntangere umwana wiwe nubwowobona ariko aramuhana amukubita umwana arira ntabamwanka, ntihagire rero umuntu azobabeshango arakunda umwana wuwundi gushumvya abamwibarutse, arikorero nashaka twebwetwibaze natwenkabantudukuze twiyumvire ibibikurikira: Ufisumwana ukamubwira ati mwana ikikintu urakireka gusubira kukivuga atikuko harigihe abandibana benewanyu bashikawe bogifata ukutarikwo bakagumuka mwururugo, noneho wamwana akakwishurango; nzoreka gusubira kubivuga munyumva ngwariko sinzoreka kuzandagenda ndabivuga ahongezehose. Umwumwe wese niyibaze ukoyocamera igihe uwomwana yobaruwiwiwe.

  • Uyo mwana yaduka ngo ndaretse kubivuga munyunva,amaso muyandi,ngwariko nzoza ndabivugira mumihana yabakeba,canke yababanyi,kandi mutanyunva mwebwe abavyeyi,nagira ndakwishure mufasoni mama uyo mwana aba yararenze ihaniro,aba yarananiranye mwijamborimwe,uri umuvyeyi rero,kukwanka kuzohava utukwa nabakwe,motif ngo wareze nabi,umwamizako ijisho,igtsure,ukamurungika no kwishure,kugira umwanya wogusamara awugire indahiro,iyo vyose naho avyanse ntiwoca umwica,oya,uramuvuma akazokwangara nkakayini,kuko urunva kwaba agomba kumarisha umuryango,kand’umenye kumuvumo w’umuvyeri urahuma cane,ugahumira uwavumwe nase canke nanyina,muri rusangi twobahanura kutagarariza abayobozi,kuko harya biragoye.kwisi nukwiyubara igicumuro.

  • @Nibagezaho, Ndagushimiye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.