Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ibindi birego vy’Abarundi 98 vyashikirijwe Sentare mpuzamakungu (...)
Ibindi birego vy’Abarundi 98 vyashikirijwe Sentare mpuzamakungu mpanavyaha
vendredi 2 Ruheshi 2017, par
Umushikirizamanza wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye yashikirijwe kandi amasanamu (Vidéos) hamwe n’intahe z’amabi yakozwe kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015 mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ayo nayo akaba agizwe n’abafashwe ku nguvu, abakorewe ubwicanyi ndengerabutungane, ababuriwe irengero, ababorejwe igufa, hamwe n’abagandaguwe nk’uko tubikora mw’itangazo ryasohowe n’urwo runani rw’abashingwamanza.
Muri iryo itangazo ryasohowe n’abo bashingwamanza bagize urwo runani aribo Armel Niyongere, Bernard Maingain, Lef FORSTER, Nigarura Lambert, hamwe Alain Detheux, bamenyesheje ko babandanya gukorana n’umurwi w’amatohoza ku Burundi washizweho n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kugira abahinga bari muri uwo murwi bashobore kuvugana n’abobaha amakuru biboneye ku vyaha ndengerabutungane vyakozwe mu Burundi.
- Armel NIYONGERE, umwe muri abo bashingwamanza
Egide NDUWIMANA
Messages
3 Ruheshi 2017, 04:40, par Ntakirutimana John
Turashimira bivuye kumutima, abobashirwamanza bitanga ijoro numurango, mukwegera abenigihugu bahuye nivyago vyahano mu Burundi, mukubafasha kwitura iyo sentare mpuzamakungu.
Nibeshi bakorewe amabi kurabo mwatanze igitigiri, ariko beshi beshi ntibaratahura inzira boshobora gucamwo kugira bashikirize amabi bahuye nayo.
abandi baratinya kubwihahamuka ,bakibaza kobazoshobora nukuzimanganirizwa ubuzima.
5 Ruheshi 2017, 16:53, par david
Jewe harikintu ntatahura.
Ayo masanamu numva yatanzwe,yafashwe n’ibigendajuru canke?
Ubwo kweri woba uriko urakorerwa amabi ugatora camera ugafata amasanamu?