Accueil > Kwidagadura > Ibintu 4 abantu batazi kuri Angelina Jolie
Ibintu 4 abantu batazi kuri Angelina Jolie
lundi 29 Kigarama 2014
Mu Kiganiro citwa ’’Vivement Dimanche’’, Angelina Jolie yarashize ahabona ibintu 4 abantu batari bamuziko.
Umukinyi w’amareresi Angelina Jolie yabaye umutumire mu kiganiro ’’Vivement Dimanche’’, aho yatangaza abantu kubera ibintu yavuze bimwerekeye.
Ivyo bintu 4 abantu batari bazi kuri we n’ibi:

1.Angelina Jolie ntiyiyemera uko ari n’uko ateye (physique)
Angelina Jolie afatwa nk’umwe mu bakinyi b’amareresi beza kw’isi. Abantu bakaba baratangaye bumvise ko Angelina Jolie atiyemera. Uwo mugore arongera akavuga ko kera akiri umuyabaga barakunda kumutwenga kubera ukuntu yari yonze, yambara n’amarori hamwe n’icuma kigorora amenyo (appareil dentaire).Ivyo n’ivyo vyatumye atiyemera uko asanzwe ameze.
2.Angelina Jolie yaramaze igihe kitari gito yarahagaritse imigenderanire na se wiwe
Imyaka myinshi yaraheze Angelina Jolie atagomba kuvugana canke ngo abonane n’umuvyeyi wiwe Jon Voigt nk’uko uwo mugore abivuga. Arongera akavuga ko ata rwanko yaramufitiye mugabo ko atagomba kumwiyegereza. Mu mwaka w’i 2009 bahavuye basubira kuvugana mugabo ari uko nyina wiwe apfuye akabona ko ari we muvyeyi asigaranye.

3.Angelina Jolie yarakundanye n’umugore
Mu gihe yari yubakanye n’umukinyi w’amareresi John Lee Miller ,Angelina Jolie yarakundanye n’umunyamuderi Jenny Shimizu. Aravuga kandi ko yari yamukunze cane kuva akimubona, iyaba atari yubatse barikwibanira n’uwo mugore.

4.Angelina Jolie ni umuvyeyi w’akarorero
Angelina Jolie ni umugore afise abana batandatu, bamwe yabavyaranye n’umukinyi w’amareresi Brad Pitt, akaba ari umuvyeyi yihanganira abana biwe akabaha n’indero ikwiye.Tubibutse ko umukobwa wiwe Shiloh yagomvye ko bamwita izina ry’abahungu john, abavyeyi biwe bakavyemera bakanamushigikira. Uwo mwana wabo akaba afise inyifato y’abahungu n’ukuntu yambara vyose agomba kumera nk’abahungu. Ku bavyeyi ba Shiloh ntaco bitwaye ahubwo bazomushigikira kugeza aho umwana wenyene atahuye ko ari umukobwa atari umuhungu.

Lorene Nubwabo
Messages
29 Kigarama 2014, 13:32, par uwubizi
Nongere ndabasabe muze muramenya gutandukanya "na" na "ni" kuko murarengeje. Ngo "Angélina Jolie n’umugore.....n’umuvyeyi w’akarorero...etc.
Vyabananiye kuvuga ngo " ni umuvyeyi w’akarorero"?
29 Kigarama 2014, 15:09, par uwubizi
Mwakoze kuba mwakosoye ivyo nabasavye. Mugume mugerageza kwandika ikirundi neza biradufasha.
30 Kigarama 2014, 01:57, par Paul Sinzinkayo
Mr/Mlle/Mme Uwubizi , biraboneka ko wize indimburo n’utwatuzo . Nukuza urambwirira abo bantu bandika ikirundi uko bishakiye.