Accueil > Imibano > Urukundo > Ibintu 7 wokwirinda gukorera kukazi
Ibintu 7 wokwirinda gukorera kukazi
dimanche 24 Ruhuhuma 2013
Gusohoka nuwo mukorana ku kazi vyategerezwa kuba bibujijwe ?
Ibintu ngenderwako mu buzima uno munsi hamwe n’abantu benshi bamara umwanya ku kazi bavuga ko bitangaje kubona abantu benshi bashaka kugira ubucuti mu kazi.
Igice c’abakozi batandukanye bavuga ko basohokanye nabo bakorana mu gihe c’akazi. Ikindi gitangaje ni kubona umuntu umwe kuri batanu yubakana nuwo bakorana.
Rero hariho ingingo zimwe zotuma umuntu agabanya ingorane zivuye muri iyo migenderanire.
1.Kudakoresha cane kwandika ubutumwa buto buto bwa mail
Mu gihe bishobora gushika mukandikiranira ubutumwe buto buto mubicishije ku mashini zo ku kazi,mukwiye kwibuka ko igisata kijejwe ivyo ubuhinga bwa none ku kazi bukurikiranira hafi ivyo muba muriko murakora harimwo nivyo mwandikiraniye.
Mushobora guhanwa kubera mwakoresheje nabi ibikoresho vy’akazi,kandi ivyo mwanditse bishobora kuba icagirizi iyo hagize ibitagenda neza.
2.Kugenzura amasezerano y’akazi
Nti mutume akazi kanyu gahagarara ku busa gusa.Amashirahamwe amwe amwe arafise amategeko agenderako ku bijanye n’imigenderanire yo mu kazi,soma rero amasezerano y’akazi hagize aho ubona amadidane egera abajejwe abakozi kugirango baguhe umuco uko ibintu bitegerezwa kugenda.
3.Kureka kurwa muri rya kosa nyene
Si vyiza gusohokana nabo mukorana barenga babiri,hitamwo witonze uwo musohokana wisunze ko wamushimye,ntuze uregera cane uwufise ubushobozi bwo kugukura mu kazi canke umukoresha wawe kuko afise ubushobozi bwo kugukura mu kazi hagize ikigenda nabi.
4.Ntuvuge vyose ahariho hose
Murashobora gusangira kahise k’urukundo n’umuryango hamwe n’abandi bagenzi ataco muhuriyeko ku kazi,ariko reka imigenderanire yishireho ataco urinze kubwira uwo mukorana. Ivyo bituma umuntu adatakaza ico ari igihe ibintu bigenze uko mutari muvyiteze.
5. Kwicunga uri aho ukorera akazi
Ibiganiro inyuma y’akazi birashobora kuba ari vyiza ariko mu gihe hariho ibifata amashusho birashobora gutuma haba ingorane.Naho abategetsi boba bazi imigenderanire ihari,igihe muriko muraganira mukwiye gushiramwo ubwenge.Gukorera ibintu mu kinyegero ni vyiza,kwerekana ibishobisho mu bantu si vyiza.
6.Gufata umwanya
Kubwa Kate Taylor umuhinga mu bijanye n’imigenderanire mu rukundo wo kuri Match.com.Kuba mubona iminsi yose idakoreshwa nk’icitwazo co gukomeza ibintu ngo bitere imbere vyihuse.Biroroshe cane kureka ibikorerwa ku kazi ngo bitere imbere ku muvuduko urenze,kandi nk’uko vyibonekeza iminsi yose birashobora gutuma mubura ikibanza.
7.Kugumana akarangamutima k’umukozi
Ntujane ingorane ufise ku kazi,iyo wumva bikuremereye vyiyumvirire hanze yaho ukore akazi.Nimba bikenewe,fata iminsi mikeya y’akaruhuka kugirango bihere imbere yo gusubira ku kazi.Gumana urupfasoni wibuke ko kwihora bishobora gutuma mubonana nabi nabo musangiye akazi.
Mariella Bukuru