Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akazu ka surwumwe ko pfundikirwa kandi kakugarwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Akazu ka surwumwe ko pfundikirwa kandi kakugarwa

Akazu ka surwumwe ko pfundikirwa kandi kakugarwa

jeudi 18 Mukakaro 2013

Ukwitwararika utuzu twa surwumwe biri mu mpanuro abanyagihugu bama bariko barahabwa mu ntumbero yo kurwanya indwara z’iva kwisuku rike. Ariko ivyibonekeza kuruta, ni ukwo utuzu twa surwumwe twinshi two mugihugu hagati tudafatwa neza, ivyo bigatuma gutuza indwara z’amacinya na korera bidacika burundu.

Haba ahantu hakoranira abantu benshi nko mu masoko, mu mashure canke ndetse mu masengero, eka ndetse no mu miryango, aho hose vyobaye vyiza ko abadafise utuzu twa surwumwe tumwe tw’ikizungu twugarwa, boshobora gufata neza utuzu twa surwumwe twabo, uko twaoba tumeze kwose. Boheza bakugaza ikintu gisa neza, kandi ndetse bagaheza bakoza ico gipfundikizo, kandi bakugaza n’umuryango ako kazu ka surwumwe. Indwara zitari nke zagiye zibonekeza mu mihingo itandukanye y’Uburundi, ziva kw’isuku rike, no kutitwararika amabwirizwa y’isuku ukwo yategerezwa.

Gukaraba mu ntoke mu gihe umuntu avuye mu kazu ka surwumwe, kugirira isuku utwo tuzu mu ntumbero yo kwirukana udukoko dutandukanye tujana umwanda canke imigera y’indwara mu mazu y’abantu canke ku migezi y’amazi, nk’isazi, inyenzi, n’utundi. Indwara ziva kw’isuku rike rero zibangamira abana cane kuruta abakuze. Umwana agenda aratora ivyo bahuye vyose ashira mu kanwa. Abakuze nabo naho bahora bafatwa n’izo ndwara ziva kw’isuku rike, ntibabangamirwa co kimwe n’abana.

Biratangaje cane rero kubona abantu bagenda barihagarika aho bashitse hose, abandi nabo bagata amazirantoke aho bashatse, mu gihe indwara ziva kw’isuku rike zica kandi ku mwanya muto. Ikindi naco, ni ukwo izo ndwara zandukira ni ngoga. Mu gukurikiza amabwirizwa y’isuku duhabwa n’abaganga, biri mu bintu bituma indwara ziva ku mwanda zituzwa, amagara meza nayo agaheza agasasa indava mu miryango itandukanye y’abanyagihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.