IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiriko biravugwa i Kiliba bishobora kugira ingaruka mbi ku gihugu n’akarere (...)

Ibiriko biravugwa i Kiliba bishobora kugira ingaruka mbi ku gihugu n’akarere kose

jeudi 8 Rusama 2014

Irenguka rya Petero Karaveri Mbonimpa mu giporisi, bamwe babona ko ryoba ari ishaka rya Reta kugira ukuri kuje ahabona ku biriko biravugwa, canke nk’ugushaka kumugirako amatohoza nk’aho yoba yakoze icaha kuvyo yashikirije.

Mu runani rw’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike FORSC babona ko ibiriko biravugwa ku rwaruka rwambaye imyambaro ya gisirikare rufise n’inkoho, ndetse rugirira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, bitofatwa minenengwe, kuko impera n’imperuka bizoteba bikaja ahabona, na cane cane ko bija vyatanguye kuja biravugwa n’abanyagihugu bo muri iyo micungararo y’ahabera imyimenyerezo ndetse n’imirwano.

Mu kiganiro Vital Nshimirimana umukuru wa FORSC yahaye ikinyamakuru IGIHE, yamenyesheje ko ivyo Petero Karaveri Mbonimpa yashikirije, ndetse bigatumwa anahamagarwa mu giporisi kubisigura, ritari irya mbere abivuga. Amenyesha ko ku wa 24 Ndamukiza uyu mwaka mu nama yahuje amashirahamwe yigenga n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, Mbonimpa yabivuze, ndetse akanamenyesha ko yonafasha kugira ukuri kuje ahabona kuri ivyo bivugwa kuri iyo misoresore ijanwa i Kongo n’ababajana.

Vital Nshimirimana arongoye FORSC akavuga ko ibi bintu bikwiye guhagurukirwa, ukuri kukamenyekana atamvo n’imwe yo gushaka guhasha ababishikiriza, ahubwo mu ntumbero yo kugaragaza ahari ukuri, kuko ibi bishobora guhitana abana b’Uburundi, ndetse bikazoshobora no kugira ingaruka mbi ku karere kose, Uburundi buherereyemwo.


Aristide Nizigire

Messages

  • abatabonye amagorwa yintambara nibo bshaka kuyigarukana,ntibabonye ukuntu bamwe babuze ababo baragira rusma rwifuvyi na pfakazi niho bazobna icabaye i burundi nibumvikane ivyintambara babireke

  • aba bantu barahahamutse bashaka gukura kubutegetsi cdd-fdd vyanka vyakunda guca mumatora bakabona ko umengo ntavyo bashoboye ... ababagabo barashoboye kuvugana nuwariwe wese nabudyabanatwaye imyaka irenga 60 bakumiriye abandi ... ikiriba muri cong hariho zandege zifotora nibiri mukuzimu munesco iba yaramaze kubitangaza kera ... iyomigambi muriko muracura mumenye ko atarimwe ya kera mwacura ngo hapakiwe imipanga ingitega... mukirara mubahutu mukabarangiza uyumunsi ivyo mugira vyose isi irababona natwe tubabonesha abiri

  • Nashaka kubwirara Vital ko ibihuguvyose ntibiburamwo ibitera amakenga aba canke bariya, mwebwe ivyomuvuga mubifitiye uburenganzira bwokubivuga ariko icomukwiye kumenye nuko u Burundi bufise inzego zikurikirana kumwanya kumwanya mwenivyo mubamuriko muravuga, mwebwe ikibishe mengo mushaka ikintumuvuze abajejwe kugikurikirana mucemubafata ukuboko mubabwirengo; giricomukoze ubunyene tubona vubanabwangu! sukwo mwebwe canke twebwe turavuga hanyuma ubonako ivyomuvuga nikibazo cega ibihugu bibiri Burundi na Congo. Ingorane mufise mengo mushaka kwereka abarundi ko abajejwe uburekano muburundi batabishoboye ahubwokwarimwebwe bubishoboye, nkomezandababwirako abajejwe umutekano wuburundi barimwaso kubasumvya gusa ingorane mwebwe mufise niyogushaka kwemeza kunguvu mumakunguko abajewjwe umutekano mu Burundi atacobamaze. Ariko murihenda. Iyominywa itarwako isazi yamiza kubarundi kukeke yokubabwira ngwakarambaraye karaje turayirambiwe gose.

  • Vital komerA kubikogwa vyanyu vyamisi yose ,izintagondwa za ba DD zishaka kuzana akarabaraye imyaka yose mugihugu tuziyamirize hakiri kare

  • UYU MUNTU YIYITA MAMA ARARENZA MU KI DD NGIRA NIWE FONDATEUR ARABESHA MU VYIYUMVIRO NA AKAGAYE KADASANZWE NAMA NAMUKURIKIYE,,NTAWE NZI SINZAKUJE..

  • Wewe wiyita mama nagire ndagusabe ureka kubaba uvuga ibisesema abarrundi ivyo uvuga ntaho bitaniye nivyo bicanyi ntasoni ufise ugaca wiyita izina ry’ubuvyeyi kandi jewe nmbona uko nogufa Vital mureke ntimungana kandi ntimuzopfa munganye ukuri kwiwe kuzokwama kwiyerekana nawe ububegito bwawe tuzokwama tubukengera ntaciyumviro nakimwe cawe kizama kinezera abarundi nabarundikazi.Ikebuke umenyeko uvumwa nabeshi ugatota.

  • @Jean de Dieu IRIBUKA, wombarira abobarundi jewe iyomvuze basesemwa? Umvandakubwire ndagushimiye ko wavuze ko jewe ntangana nuwo Vital kandi ntivyiteze kuzigera biba ngotungane arikonashaka ndagukebure kuko abantubose barangana imberey’Imana kukotwese Imana yaturemye yatwise abantu, ariko ndashaka kukubwirako ndamusumvya imyaka, nkongera nkamusumvya gukoresha ubumenyi bwanje neza. Muburundi niwumva abantu bavugango abavyeyi barahomba bababashatse kuvuga umuntu ameze nkuwo Vital Nshimirimana. Kubona umuntu akirimuto abavyeyi batangiye ibitaribike kugirayige ariko agahitamwo kwinjira mumirwi yabiyemeje kwamabavuga amarementanya noguhozakubarundi nabarundikazi kunkeke yamajambo ngo haribintu bigiye guhitana abana babarundi ngondetse ngonakarerekose!!! Ngonabadaharanira ivyicaro muri reta? Kohariho abagiye batera ibirindiro vyaba sirikare bigihugu cu Burundi mu Rukoko ko Vital atigeze aserura ijambo ryokwiyamiriza abatera igisirikare cigihugu ciwe akunda kikamuhimbara!? Ahubwo bahitamwo gukokeza bakoresheje ayamajambo avugango: Ibirinyumabirahinda ngokuko iyi reta twayibwiye kuvakera ngoyemere imishikirano iranka, uburero babonye ivyimishikirano bahoza kwiyominywa atacovyamaze nicogituma badukanye ibindi ubonako iminywayabo itagurwako nisazi.Ikazinkiyo yogutanga igihugucawe nabagitegeka kugira akazikawe ntigahagarare jewe kuvakera nkirimuto ntayonigeze nifuza.

  • Nonose abarundi baravumwe canke?

  • jewe nishuy muco reka ndakubwir nawe menyak isi ikubona kandi natwe tubarabisha ane kandi imbwa yoba imwe !

  • Nn kobavuzeko atabigwanisho bariko batanga bakirukana nuwusetukira on muvyumutekano. Nn uwuriko arerekana nibimenyetso bamuteru bwoba kuberiki? Ntimubonako aba dd bafisubwoba mumatora ya2015? Nibarekeraho igihugu cicabogusa turagisangiye.

  • ewe wiyitwa nwari,banza umenye kuvuga,wongere utosore n’iyo nyandiko yawe.
    ariko urantunga,hari aho wosanga uvuga ubureve.

  • mbe komwanka ko amashirahamwe akora simwe mwayasinyiye ga mwa dd?harya ntiwokwigisha umwana hama munyuma abonye ivyo umwigishize koatarivyo hama abikubwiye ngo nimubi namwe twebwe twabonye ko vyabananiye gire mugembe komwanka ko amashirahamwe akora simwe mwayasinyiye ga mwa dd?harya ntiwokwigisha umwana hama munyuma abonye ivyo umwigishize koatarivyo hama abikubwiye ngo nimubi namwe twebwe twabonye ko vyabananiye gire mugembe komwanka ko amashirahamwe akora simwe mwayasinyiye ga mwa dd?harya ntiwokwigisha umwana hama munyuma abonye ivyo umwigishize koatarivyo hama abikubwiye ngo nimubi namwe twebwe twabonye ko vyabananiye gire mugembe komwanka ko amashirahamwe akora simwe mwayasinyiye ga mwa dd?harya ntiwokwigisha umwana hama munyuma abonye ivyo umwigishize koatarivyo hama abikubwiye ngo nimubi namwe twebwe twabonye ko vyabananiye gire mugende.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.