IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiro bikuru vya gisirikare bivuga ko Human Right Watch yakoreye ku makuru (...)

Ibiro bikuru vya gisirikare bivuga ko Human Right Watch yakoreye ku makuru atariyo

mercredi 10 Nyakanga 2014

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, Human Right Watch, mu cegeranyo ryakoze, ryagirije abasirikare bo muri AMISOM bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya, ko bashurashuza abakobwa n’abagore bo muri ico gihugu. Abasirikare batunzwe agatoke akaba ari abo muri Ouganda n’Uburundi. Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko iryo shirahamwe ryakoreye ku makuru atariyo, kuko ata birego bararonka kuva abarundi bashitse muri AMISOM.

Mu cegeranyo c’ishirahamwe Human Right Watch co kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 8 Nyakanga 2014, abasirikare barungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya mu bikorwa vya AMISOM, bagirijwe ko bashurashuza abigeme n’abagore, mu kubahendesha amafaranga canke ibindi bikorwa vy’ubutabazi nk’ukubavura, canke guha amazi ababa baje kuvoma mu bigo abo basirikare bakoreramwo. Iryo shirahamwe rivuga ko ryaganiriye n’abashika kuri 21 bemeza ko bashurashujwe bahendeshejwe amafaranga aharurwa mu madorare cumi n’ibindi, abagirizwa akaba ari abasirikare b’abarundi n’abo mu gihugu ca Ouganda.

Mu gisirikare c’Uburundi bariyamiriza ivyo bagirizwa, bakamenyesha ko batarigera baronka ibirego vy’uko abasirikare b’abarundi bo muri AMISOM bashurashuza abakobwa n’abagore muri ico gihugu. Mu rwandiko umuyobozi mukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare mu Burundi yarungikiye Daniel Bekele arongoye ishirahamwe Human Right Watch muri Afrika, yamumenyesheje ko ishirahamwe arongoye ryoba ryakoreye ku makuru atariyo, kuko aho igisirikare c’Uburundi gikorera hatunganijwe ku buryo umusirikare wese asohotse aba arungitswe ku gikorwa kizwi n’uwumutwara. Aho abo basirikare bakorera haracungerewe kandi ku buryo ata muntu n’umwe aba aje ava hanze arekurirwa kuhinjira. N’umusirikare afashwe yasohotse hanze akaba abihanirwa bikomeye.

Général Major Prime Niyongabo, umuyobozi w’ibiro bikuru vya gisirikare mu Burundi amenyesha ko nivyamenyekana ko abo basirikare b’abarundi bashurashuza abakobwa n’abagore, uwuzokwagirwa azobihanirwa bikomeye, uwakorewe icaha nawe ashumbushwe. Général Major Prime Niyongabo, umuyobozi w’ibiro bikuru vya gisirikare mu Burundi asaba uwoba afise ayo makuru ko yoyatanga kugira ibihano bifatwe, harimwo kwirukanwa burundu mu gisirikare hamwe n’ugukurikiranwa mu butungane.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mugihe hobaharimwo abacuses akokageso nivyo ntitwobishigikira, ariko HRW icikwiye kumenya nuko ishobora noguhura numugore cankumukobwa asanzwe arincuti yavuavyihebe noneho akabifasha urugamba mukubeshera abasoda ba AMISOM nacanecane abarundi ubonako bababangamiye. Abagoreburya turashobora nokurwanisha igitsina!

  • Mugirikare muragaba kuko twebwe twakoranye turazinanye nukuvuga rero mubahanure kuko nabo bambaye umubiri ubagora muraca inkoni ngufi rero kuko muri twese ntawobanza ibuye mugir’ibihe vyiza.

  • AriKO ABA DD BARI HUTA KUBESHIZA AHUBWO HARI HAKWIYE ITOHOZA ATAHO RYEGAMIYE HAMA UWO MUGABO AKOBONA KUVUGA ABESHUZA CANKA ABASABIRA IBIHANO.BAMWITONDA BA DD !!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Njye iyondigukurikirana ibyiburundi ndikumva ibintuvyose ari DD, BIKABARIBYONGI YO ANDIMASHYAKA ARIKURUHIRA UBUSA’ UMVARWOSE NAMQE: UMUSODA AVUZE BAVUGANGO NI DD UMUPOLISI NGO, NI DD, umwarimu DD umurwizatunga DD, ikintucyose Burundi ni DD?

  • INSINGIGURO Y’IGISIRIKARE CACU IRATOMOYE!TURASAVYE NTIHAGIRE UWUZEMERERA IZO NTAGONDWA KWINJIRA KUBIRINDIRO VY’ABASODA BACU!KOMERA BASODA B’IGIHUGU!

  • Kubijanye nivyo nukuri twokwisubirako naho ntari mu gihugu novugati rucira mukaso rukarya nyoko•Murakoze

  • Kubijanye nivyo nukuri twokwisubirako naho ntari mu gihugu novugati rucira mukaso rukarya nyoko•Murakoze

  • Ahumbwo twagomba kuboneraho akaryo ko kubaza amabi yakorewe abarundikazi akozwe nasirikare bakomoka muri africa y’efho no muri mozambike , bari baje guhagararira amaho n’umutekano mu Burundi barungitswe na onu nkuko abasirikare babarundi basabwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa africa ngobaje gufasha muri Somaliya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.