Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyaratanguje ibiganiro ku bibazo vya (...)
Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyaratanguje ibiganiro ku bibazo vya CNTB
mardi 25 Ruheshi 2013
Ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi vyaratunganije ku musi w’ejo uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’ibibazo vy’umugwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo, icivugo akaba yari : « Twese hamwe mu gusubiza mu vyabo abanyazwe amatongo yabo »
Abatumire b’uwo munsi bakaba baje bava mu bisata bitandukanye, aho twovuga, abaserukiye inama nshingamateka na nkenguzamateka, abo mu biro vy’umuhuza w’abarundi, abaserukiye ubutungane, abaserukiye urwego rw’igihugu, abari mu nzego za Leta, abakora muma banki,abari mu mashirahamwe mpuzamakungu akorera hano mu gihugu c’Uburundi, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya politike, abari mu migambwe, abaserukiye amadini atandukanye, n’abandi batumire b’icubahiro batumiwe na CNTB, ariko mwomenya ko abamenyeshamakuru bari munsi y’umurongo w’urutunde rw’abatumire b’uwo munsi.
Ku rutonde rw’ibikorwa vy’uwo munsi, ijambo ry’ikaze ryashikirijwe na General Major Alain Guillaume Bunyoni, umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu, hakurikira ijambo ryo kwugwurura urwo ruganda ryashikirijwe na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi,Petero Nkurunziza, aho yashimye kandi ibikorwa vya CNTB.
Hari hateguwe ivyirwa vyatanzwe n’abantu bane bavuga ku bijanye n’ibikorwa vya CNTB, bigaherahezwa no guhanahana ivyiyumviro, ariko mukanyema ko abamenyeshamakuru baciye bataramurwa.
Uwa mbere yasiguye, Tabu Renovat, yavuze ku bijanye n’ishingwa ry’uwo murwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo, kuko ubwa mbere uwo murwi witwa CNRS (Commission Nationale de Réhabilitation des Sinistrés), mu nyuma uhava witwa CNTB (Commission Nationaledes Terrs et autres Biens).
Hisunzwe itegeko 230 n’irya 231 mw’ibwirizwa nshingiro, Tabu Renovat yamenyesheje ko mu manza zose zimaze gushika muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ata na rumwe ruraza ruhagarika itegeko rigenga CNTB.
Mariella Bukuru