Accueil > Kwidagadura > Ibirori ntivyoryoha atagiye
Ibirori ntivyoryoha atagiye
vendredi 3 Nzero 2014
Abaririmvyi burya bafasha vyinshi haba mu nteguro z’ibintu ibi canke biriya. Muri Zimbabwe bipfuza ko R. Kelly yoba kumwe nabo mu ibirori mpuzamakungu.
Uwurongoye igisata c’ingezi mu gihugu ca Zimbabwe, Karikoga Kaseke, yamenyesheje ikinyamakuru NewsDay ko bariko bavugana n’umuririmvyi w’umunyamerika Robert Sylvester Kelly kugira azobafashe kurunga ibirori mpuzamakungu bizoba mu kwezi kwa Rusama 2014.
Kaseke avuga ati : « turiko dukorana n’abantu bose bashobora kumudushikirira maze tumusabe aze yifadikanye na twe muri ico gihe ».
Ku bwa Kaseke, ivyo birori ntivyoryoha nk’uko avyipfuza mu gihe umuririmvyi wo mu mudiho wa RB atokwishikira ku kibuga National Sports Stadium c’i Harare. Kuba rero bamurondeye hakiri kare bashaka ko R. Kelly yobimenya kare.
Nta kwezi kurahera Jim De Rogatis yahoze ari umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru Chicago Sun-times amenyesheje ugushurashuza abana bato kugirwa na R. Kelly ari akamaramaza. Uwo muririmvyi w’imyaka 46, mu kiganiro yatanze yavuzeko abo bavuga ivyo ari abazingamitswe n’ishari ko kandi iyo umuntu agiye hejuru atabura ibihuhusi biza kumutembagaza.
Cherif Nkeshimana