Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibisagara 15 vyo muri Afrika bizoba bitunze kurusha ibindi mu mwaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ibisagara 15 vyo muri Afrika bizoba bitunze kurusha ibindi mu mwaka (...)

Ibisagara 15 vyo muri Afrika bizoba bitunze kurusha ibindi mu mwaka w’2030

mercredi 20 Munyonyo 2013

Ibiharuro biva mu matohoza yakozwe n’abahinga vyerekana ko ubutunzi bw’ibisagara vyo muri Afrika buzoba bwifashe neza cane mu mwaka w’2030 kurusha izindi mpande zose z’isi. Muri ivyo bisagara, Johannesburg iza mu kibanza ca mbere.

Ikigo Oxford Economics carashize ahabona urutonde rw’ibisagara cumi na bitanu vyo muri Afrika bizoba biteye imbere cane mu butunzi. N’aho igisagara ca Johannesburg kiza kw’isonga ry’ibisagara bizoba bitunze kurusha ibindi, igisagara ca Libreville kiboneka nk’ikizoba gifise abanyagihugu binjiza amafaranga menshi bagereranije n’ibindi bihugu.

Kuva mu mwaka w’2000, ubutunzi bw ‘ibisagara bimwe bimwe vyo muri Afrika buguma buduga ku bice bigera kuri bitanu kw’ijana, kandi amatohoza yavuye mu vyigwa vyakozwe n’ico kigo Oxford Economics yerekana ko ivyo bice bibandanya kuduga, ari naco gituma biboneka ko mu mwaka w’2030, ibisagara bimwe bimwe vyo muri Afrika bizoba vyenuriye mu butunzi ibindi vyo kw’isi. Muri urwo rutonde rw’ivyo bisagara hari ibiboneka nka bishasha, ariko bizanye umurindi ushimishije nka Dar es-Salaam, muri Tanzaniya na Luanda muri Angola. Amafaranga abanyagihugu binjiza ku mwaka muri ivyo bisagara bibiri azoba yavuye ku bihumbi bitanu vy’amadorare, ashike ku bihumbi 20 vy’amadorare, ni ukuvuga ko umunyagihugu azoba yinjiza hafi imiriyoni 33 z’amafaranga y’amarundi ku mwaka.

Ivyo bisagara 15 biboneka nk’ibizoba vyifashe neza mu butunzi mu mwaka w’2030 ni Johannesburg, Cairo, Luanda, Lagos, Cap Town, Pretoria, Durban, Alexandria, Dar Es Salaam, Tunis, Alger, Casablanca, Khartoum, Libreville, Nairobi


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.