Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibisaka vy’imbwa vyahiye kubasambanya kunguvu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ibisaka vy’imbwa vyahiye kubasambanya kunguvu

Ibisaka vy’imbwa vyahiye kubasambanya kunguvu

jeudi 11 Ndamukiza 2013

Gusambanya ku nguvu aho hakurya mu buseruko bwa Kongo birimonogoje.
Umugwi G-8 w’ibihugu umunani bitunze kurusha ibindi kw’isi, mu nama birimwo i Londres, ku ncuro ya mbere wemeye gukorera hamwe mu kurwanya gusambanya ku nguvu abakenyezi bibera mu ntambara.

Aho bamanyesha ivyo bise amasezerano agiye mu mateka, umushikiranganji w’ubwongereza ajejwe imigenderanire, William Hague, yavuze ko abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu vya G-8 bemeje ko gusambanya ku nguvu bihonyanga amasezerano ya Geneve yerekeye intambara.Ati isi yose n’amareta atandukanye ahagurukire ako karanda , ati ibihugu vyose bifise inshingano yo gukurikirana abakora ico caha aho bokwinyegeza hose.

G-8 yaciye yemera gutanga amahera angana imiriyoni 35 z’ama dollar yo guterera mu migambi yo kurwanya ishurashuzwa kunguvu.

Barangije bemeza kandi ko ata kigongwe kigomba kubaho mu masezerano y’amahoro, kubagirizwa ivyo vyaha vy ‘akamuna.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.