Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibishoboka vyose biriko bikorwa kugira Intamba mu Rugamba zishike (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ibishoboka vyose biriko bikorwa kugira Intamba mu Rugamba zishike (...)

Ibishoboka vyose biriko bikorwa kugira Intamba mu Rugamba zishike kure

jeudi 7 Rusama 2015

Abakinyi b’umurwi nserukira gihugu intamba mu rugamba bagiye kumara igihe kitari gito mu mwiherero kugira bitegurire amahiganwa yo ku rwego rw’Afrika yimirije. Uburungozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ntako butakoze kugira Intamba mu Rugamba zize zishike kure.

Hari hategekanijwe ko abakinyi 30 ari bo baja mu mwiherero "Local" ariko 2 ntibashoboye kujayo kubera imvo z’ivyigwa. Zimwe mu nkino ziri ku rutonde hari urwo Intamba zizokina na Egypte muri Rusama. Muri Ruheshi, Intamba zizoca muri Senegal mu nkino zo gukurakuranamwo z’amahiganwa ya CAN, muri Ruheshi nyene, zizokina na Djouti mu nzira yo gushika mw’ihiganwa rya CHAN. Ku bw’ivyo, bivugwa ko amahera agera ku miliyoni 30 zatanzwe kugira haboneke ibikenewe vyose kugira abakinyi bamererwe neza bari muri "local".

Abakinyi baratanguye imyimenyerezo ku kibuga kiri muri Komine Ngagara ahasanzwe hari ikigo c’ubuhinga c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.

Amazina n’imirwi vy’abakinyi 28 bari mu mwiherero :

- Abanyezamu

1/ MBONIHANKUYE Innocent Madede - LL s4a

2/ ARAKAZA Mc Arthur – Vital’o Fc

3/ BIHA Omar – Vital’o Fc

4/ RUGUMANDIYE Yvan – Muzinga Fc

- Abakinyi b’inyuma

1/ KIZA Fataki – LL s4a

2/ KABAKABA Espoir – Rusizi

3/ NIYONKURU Nassor – Athletico Olympic

4/ HARERIMANA Rashid Leon – LL s4a

5/ NKURIKIYE Leopold Kaya – Vital’o Fc

- Abakinyi bo hagati

1/ NSHIMIRIMANA David – Vital’o Fc

2/ RUGONUMUGABO Stephane – LL s4a

3/ Idi Djumapili – Vital’o Fc

4/ HAKIZIMANA Issa – LL s4a

- Abakinyi bohagati

1/ NDIKUMANA Yussuf Lule – LL s4a

2/ NAHIMANA Shassir – Vital’o Fc

3/ BARENGA Pistis – Vital’o Fc

4/ MOUSTAPHA Francis Ndjali – Muzinga

5/ MOUSSA Mossi – Vital’o Fc

6/ BAZIBURE Serge – Rusizi Fc

7/ UWIMANA Messo – Rusizi Fc

8/ DUHAYINDAVYI Gael – LL s4a

- Abasatirizi

1/ MAVUGO Laudit – Vital’o Fc

2/ HUSSEIN Shabani Tshabalala – Vital’o Fc

3/ NSHIMIRIMA Abassi – Bujumbura City

4/ HAKIZIMANA Hassan – Inter star

5/ NDAYISENGA Kevin Dambo – Bujumbura City

6/ ULIMWENGU Jules – Academie Tchite

7/ HAKIZIMANA Zacharie – Athletico Olympic


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.