Accueil > Amagara y’abantu > Ibitaro CMCK vyateye intambwe muvy’ubuvuzi
Ibitaro CMCK vyateye intambwe muvy’ubuvuzi
samedi 20 Ndamukiza 2013
Ibitaro CMCK biri mu gisagara ca Bujumbura, muri komine Kinindo vyararonse icuma ngira kamaro mu gusuzuma no gufasha mu kubaga. Ivyo vyamenyeshejwe igihe bariko batanguza icese ibikorwa vy’ubwo buhinga bushasha.
- Icuma ngira kamaro mu gusuzuma no gufasha mu kubaga,Radiographie
Muganga Onésphore, asanzwe akora kuri ivyo bitaro vya CMCK, yamenyesheje ko abarundi bazoharonkera akarusho kuko ubwo buhinga buje kubapfunyiriza urugendo, ku bahora barungikwa kuburondera mu bindi bihugu, haba mu Rwanda canke mu Buhindi n’ahandi.
- Muganga Onésphore
Abarwayi twashoboye kuganira barashima kanatsinda ko hari bamwe muri bo bogiye kwivuriza mu mahanga mu misi ya vuba. Bamenyesheje ko iyo ntambwe y’iterambere ari iyo gukenguruka ariko bagasaba ko ubwo buhinga bwoshirwa ku buryo bw’amafaranga butavuna, na cane cane ko abarundi bafise amikoro make.
- Abarwayi twahasanze
Muganga Onésphore yaremesheje abibaza namba abaganga bashobora gukoresha ubwo buhinga boba bahari. Yishuye ko hari umuhinga wo mu gihugu c’Ubuhindi yaje kuzokoresha ivyo vyuma, kandi ko afise uburambe bw’imyaka irenga mirongo ibiri muri uwo mwuga.
Egide Nduwimana
Messages
20 Ndamukiza 2013, 10:25, par Jeanne
twizere ko bazokwigisha neza abaganga ingene ivyo vyuma bikora. Amatwi adusumira ngo ku ibiri ku Mpanda bikoreshwa nabi