Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibitaro vy’akarorero vyubatswe mu ntara ya Karusi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibitaro vy’akarorero vyubatswe mu ntara ya Karusi

Ibitaro vy’akarorero vyubatswe mu ntara ya Karusi

mardi 14 Nzero 2014

Intara ya Karusi yaronkejwe ibitaro bigira gatatu vy’akarorero mu Burundi. Ivyo bitaro vyubatswe ku buryo bwa Reta y’Uburundi, ku murwa mukuru w’intara ya Karusi, bije gupfunyiriza urugendo abarwayi bahora barinda kuja kwivuriza ingwara zikomeye mu mahanga.

Nk’uko abanyagihugu bo mu ntara ya Karusi babimenyesha, iyo ntara yahora iri inyuma mw’iterambere yaronkejwe ivyo bitaro vy’akarorero inyuma y’ibarabara ry’ikaburimbo RN12 ryaheruka kwubakwa muri iyo ntara kugira rihuze intara za GITEGA-KARUSI na MUYINGA.

Mwomenya ko intara ya Karusi isanzwe ifise uwundi mugambi wo kuzokwubaka ishure rikuru ry’ubuvuzi rizoshobora kuramura imikangara ifise ubumenyi bukwiye muvy’amagara y’abantu.


Egide Nduwimana

Messages

  • amazu ntaco amaze ivyo bitaro mumyaka ibiri ntawuzoba akihanywera amazi ,igikuru nuko vyoronka abaganga bakarorero hamwe nimiti yakarorero nayo ivyobihome ni zero

  • Yego murakoze kumpa amakuru y’iwcu ngo yari inyuma yiterambere mbega ko nyakubahwa umukuru wigihugu nareta bakoze kuduha biriya bitaro ba nyakaruzi ivyiza biri imbere mubirarire ariya matara nabonye ntibayabibe eka muje muvomerera na turiya twatsi nabonye rwose igihe murakoze kukigoro mukoresha none mwuva mugitaramuka ho bazohubaka iki ?mpa amakiuru?

  • Ndakengurutse kubona intara ya Karusi ironswe ivyo bitaro vy’akarorero n’ibarabara ry’ikaburimbo(RN12: Gitega-Karuzi-Muyinga). Nk’uko Ruhari na Tollo, ni vyiza ko Leta ironsa ivyo bitaro abaganga n’imiti ikwiye batibagiye imishahara. Hambavu y’ivyo, izo nyubakwa n’ayo mabarabara vyubakwa, ni ngombwa ko hateganywa isubirwa mwo zavyo cane cane bagahimiriza benegihugu kubungabunga izo nyubakwa n’ibibikikije. Karuzi, kimwe n’intara zose, ni ukwitwararika isuku no kwama minsi yose bitwararika izo nyubakwa.

  • Iwacu nikure yintara ya Karuzi kuko ahomberahafi kwivuza ni Bujumbura ariko biranezereje bimwevyahatali, yewe ivyakozwe mugihe ca prezida bagaza nunomuzi turacabivuga ibinavyo bikozwe mugihe ca prezida Nkurunziza abuzukuru nabuzukuruza ntibizibagirana, Bujumbura ibikorwavyiterambere Karuzi iterambere, Bubanza iterambere, Ngozi iterambere, Cibitoke iterambere, Ruyigi iterambere, Bururi iterambere, muyinga iterambere, Kayanza iterambere, Kirundo iterambere, Gitega ntiworaba namayarwa, Mwaro iterambere Cankuzo iterambere Makamba iterambere nahandi, Ibintu bikozwe kwiyintwaro ya Nkurunziza Pierre vyarivyaravuzwe nabahisi Rwagasore na Ndadaye ngo amajambere mugihugucose.

  • I DREAMED IT BEFORE THAT KARUSI WILL BE LIKE OTHER PROVINCES!.

    THIS GOVERNMENT IS VERY FANTASTIC,

    WHAT IT HAS DONE , ITS LIKE SUGAR IN COFFI WITH MILK.

    THANK YOU PRESIDENT PETER NKURUNZIZA!!

  • Mimi naipongeza sana selikal ya Burundi kwakaz iliofanyika hapo mkoan karuzi Mimi binafs nashukuru sana. nana mpongeza rais pierre kwakushiriki zoezi hiro hongera sana nkurunziza kwakazi uliyoifanya.mimi nashukuru sana ingawa niko mbali kidogonanyumban lakin hakunashaka Nikwaajilli yamaisha asanteni sana na imekua lahisi kwamzaziwangu atakua anatibiwa karibu namshukuru sana rais Pierre nkurunziza murakoze.naje nduwaho karusi...

  • Nukuri Ikarusi Twarateye Imbere. Mugabo Muri Bugenyuzi Harakenye Amazi Mwoba Mudufashije Gusumba. Kko Amazi Ninkenerwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.