Accueil > Amagara y’abantu > Ibitaro vy’i Muyinga vyateye intambwe muvy’ubuvuzi
Ibitaro vy’i Muyinga vyateye intambwe muvy’ubuvuzi
lundi 25 Ntwarante 2013
Ni inkuru nziza ku barwayi bo ku bitaro vy’i Muyinga n’abanyagihugu begereye ivyo bitaro kuko ubu abandikiwe guterwa amaraso bagiye kuyaronswa bitagoranye.
Umuyobozi w’ibitaro vy’i Muyinga, muganga Eric Manirakiza yamenyesheje ko ivyo bizopfunyiriza urugendo abarwayi bahora bategerezwa kuja ku bitaro vy’i Ngozi n’ahandi kure.
Muganga Eric Manirakiza yahamagariye abanyagihugu bo mu ntara ya Muyinga gutanga kenshi amaraso kugira mu bubiko bw’ibitaro haze hame amaraso yo gutegekanya.
Floxella Karire
Messages
18 Ndamukiza 2016, 12:06, par Niyitunga israël
Nukuri muganga eric ykoze ibintuvyiza ahubwonanje nohimiriza abantu bazebaragenda gutanga amaraso kugira bafashe abarwaye kandinabonyebaba bifashijecane kuko ashobora guterwa umuntu womumuryango wiwabo cankenawe yayabuze bakayamuha.