Accueil > Amagara y’abantu > Ibitaro vyitiriwe Umwami Khaled vyaronkejwe imashine bita Dialyse
Ibitaro vyitiriwe Umwami Khaled vyaronkejwe imashine bita Dialyse
mercredi 20 Ndamukiza 2016, par
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi bwashikirije ibitaro Roi Khaled vyo mu Kamenge imashine zibiri bita Dialyses zifasha kuvura ingwara y’amafyigo.
Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Muganga Josiane NIJIMBERE yamenyesheje kuri uwu wa gatatu igihe izo mashine zatangwa kuri ivyo bitaro ko ari akarusho gakomeye, kuko zizofasha abantu bahora barinda kuja kwivuriza hanze iyo barwaye ingwara y’amafyigo.
Muganga Josiane NIJIMBERE akaba yamenyesheje kandi ko n’abaganga bazokoresha izo mashine bahari, abazobafasha nabo bakaba bagiye kwigishwa.
IGIHE
Messages
20 Ndamukiza 2016, 14:41, par gwasa
ego cane nivyiza nireta yayiguze,apana imfashanyo.Aho di Minirtre
20 Ndamukiza 2016, 15:40, par bako
je abarundi baratangaje,nkiki ciza ntanumwe arandika commentaire,iyaba ari ibiziga baba bamaze kwandika.
20 Ndamukiza 2016, 23:27, par bako
aha iyaba arinkuru yabapfuye ,commentaires ziba arumuyoro.nonehe ntkakivugwa.none bdi bakundiki????
21 Ndamukiza 2016, 12:25, par nzobandora
Haha abashigikiy abo bicanyi baracajujuta. Ukuronka ivyuma bigezweho ni kimw ukubikoresha nikindi. Kumpanda ntihari scanair! Kirabuza ko umuntu bamwubwira ko icuma kitabona! Mbega icuma nico kitabona cank nabantu batabona? Muraja ngaho mwitera amashurw mwabijujumw vyabicanyi. Iyo Dialyse ngira izokora yoyo kwisanze ikoresha amaraso mugukora akazi kayo. Ngira mwabitse menshi.
21 Ndamukiza 2016, 12:48, par MUCO
IMANA ISHIMWE NIBINDI IZOBITUGABIRA.
22 Ndamukiza 2016, 05:36, par Niyorugira Egide
Ntanguye Gushima Kuroco Gikorwa Ndasha Mbaze Iyomashine Izo Tangura Kukora Ryari?
1er Ruheshi 2016, 05:26, par Pythagore
Turashimiye Imana Numushikiranganji Wamagara Y’abantu Kubayiyumviriye Kuzanicogikoresho Imanihezagirwe Murakoze.