Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiteramo biheza umwaka mu mashengero i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Ibiteramo biheza umwaka mu mashengero i Bujumbura

Ibiteramo biheza umwaka mu mashengero i Bujumbura

mardi 1er Nzero 2013

Kw’igenekerezo rya 31 kigarama,uba ari umunsi uheza umwaka.Kuri iyo tariki umwaka twaraye turangije wa 2012,hirya no hino mu mashengero atandukanye,ibiteramo vyo gushimira Imana kuvyo yakoze no kuyereka umwaka mushasha vyaratunganijwe.

Mw’ijoro riheza umwaka kandi rigatangura uwundi,hafi mu mashengero yose harategurwa ibiteramo vyo gushimira Imana no kuyereka umwaka mushasha uba ugiye gutangura.Aho twaciye hose tukaba twasanze abantu bitavye ku bwinshi.

Mw’ishengero rya Emmanuel ryo mu Gihosha aho benshi bita kwa Johnson igihe twahaca twasanze abantu bitavye ari benshi kuko mu gihe urusengero ari runini twasanze hariho n’abari hanze ariko babandanya igikorwa cari cabajanye co gushimira Imana bongera bashinga intahe kuvyo Imana yabakoreye mu mwaka twaraye duhejeje.

Abandi wasanga bariko bararirimba,bahimbaza, batazira kubwo umwaka uheze no kubwo umwaka mushasha batanguye.Mu majambo yagiye arashikirizwa n’abakuru b’amashengero, bose babwira abakristo ko bakwiye kurushiriza kwubaha Imana batibagiye mbere no gukora ibikorwa bibateza imbere bonyene ubwabo ndetse n’amashengero eka mbere n’igihugu cabo muri rusangi.

Twobamenyeshako uyu munsi mukuru uhimbazwa n’abantu benshi kurusha umunsi wa Noweri kuko abatari bake bavuga ko Noweri ari iy’abakristo gusa,abandi mbere bakavuga ko ari umunsi mukuru w’abana mu gihe umunsi mukuru w’umwaka mushasha wowo uhimbazwa nabantu bo ku nzego zose.


Joël Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.