Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiteramo vy’umuririmvyi-mumenyeshamakuru Kamoso vyafashwe mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ibiteramo vy’umuririmvyi-mumenyeshamakuru Kamoso vyafashwe mu (...)

Ibiteramo vy’umuririmvyi-mumenyeshamakuru Kamoso vyafashwe mu mugongo

jeudi 19 Ruhuhuma 2015

Ibiranga ibiteramo vy’agakura kandi vya mbere vy’umuririmvyi-mumenyeshamakuru Eddy Kamoso vyagiye ahabona, ikiboneka n’uko uwo muririmvyi afashwe mu mugongo bihagije.

Eddy Kamoso aje yazikenyeye mu biteramo vyagakura agiye kugirisha mu gisagara ca Bujumbura ku magenekerezo ya 27 Ruhuhuma igihe c’isaha icenda z’umuhingamo mu kibanza co kuri Musee Vivant hamwe n’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma kuva igihe c’isaha cumi na zibiri z’ijoro kuri Club du Lac Tanganyika. Eddy Kamoso agira ati:"Halleluyaaaa wa munsi uri hafi wo guhimbaz’Imana nkaho ari ubwa nyuma".

Abaririmvyi batari bake haba mu abo mu Rwanda aha ni nka:Emile NZEYIMANA, GOGO. Mu Rwanda nyene hazova umukobwa rurangiza w’umuryosha biteramo yabonetse mu rukurikirane rw’ibiteramo rw’umurwi KINA MUSIC mu Burundi ari we ANITHA.

Ibiteramo vya Eddy Kamoso bizoba birimwo ibitangaza vyinshi, akarorero n’ururirimbo Lewa Lewa rwateguriwe gutambwa n’abantu bubatse gusa"Couples". Ikindi n’uko ivyo biteramo biri mu vya mbere bifashwe mu mugongo aho uwuzoriha amahera ibihumbi 3000 frb y’amarundi azoca ahabwa ico anywa.

Raba aha munsi uko ibiteramo vya Eddy Kamoso bishigikiwe


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Uwu uririrnvyi w’Uunyamurenge yibera i Bujumbura ivyiwe nurusobe .Mwabonye hehe Gospel irihishwa amahera mukwinjira .Ejo bundi naramwuunvise mukiganiro kuri Radio avuga ko yateguye indirimbo ngo igiteramo gishitse hagati azoca asaba abakobwa nabahungu bakundanye bafatane unda batambe bafatanye .Iyo ni Gospel ya hehe?? Ndamusaba ko yokwegera Habonimana Appolinaire akamwereka ingene umuntu akijijwe yiotwara haba imbere yimana canke Imbere yabantu

  • MURAGABE MURAGABE ABIHISHA MUVYIMANA BARASHITSE BARAMUSUBIZA IWABO HAKIRIKARE IMANA NTIVAGWA

  • @mireille, iyo muriha PRIMISEC....vyabindi bibera hanze ijoro ryose(....namwe ca mwumva ibihakorerwa bamaze kuborerwa)....woba uhomvye iki urishe kugirango nabaririmvyi ba abkristu baone ikiabeshaho batarinze gusabiriza ck kwambara ubusa baririmba ibitutsi vyo mwisi???
    Ahubwo kumva ngo MC ni ANITA PENDO oyaaaaa biragoye kuvyita ivyimana kandi ngo ni VIP kwinjira no kunywa!!!!!!!!!iyi ni Gospel kweli???

    NB: BENE WACU BA BAKRISTU,NIMBA MUTEZA IMBERE IVYA SATANI MUKUMVA ARI IBISANZWE, NTIWUMVA KO GUTEZA IMBERE IVY´IMANA HARIMWO AKARUSHO N´INYUNGU NYIIIINSHI

  • Ashakabe umunyamurenge cankentabewe indirimbo zizoguma ijwiryazo ariryarindi, kandi uwowese abonako ukwemerakwiwe kutamwemerera kuzojamwicogikorane nivyiza kuzoreka kukijamwo, ariko ntacobimaze kucurinda kumugerekaho ivyudafitiye ivyemezo igihugucuburundi nimpuzamakungu yobwoko bwose iyobivabukagera ugezeburundi uravugawisanzuye ariko wihenze ugaseeuka witwaje akarwanisho ucawibonerako. Hanyuma uwomuririmvyi niyiyumvemwo amahoro.

  • Uyu muririnvyi araducanganya ,nuwo kuri Rema FM nyene birunvikana nukumutahura kuko akorana na muka Nyenicubahiro President Pierre Nkurunziza
    Nugusenga abesha vyose aracanganya ivyisi no mw’Ijuru

  • ndababwire rero,mutegerezwa kugurura umutwe.ntiyavuze abakobwa nabahungu,Eddy Kamoso yabuze ko ari Monsieur et Madame.kandi je numva atangorane nimwe ,kandi ikindi Anitha uko biri kose aragise talents nihikundiro kunezereza abantu.birumvikana ko ari ubwambere ubibonye umugabo numuhore batambana bakijijwe.mbe ndababaze .ntivyokunezeza ubonye Papa wawe na maman wawe batambana ururimbo rwo guhimbaza Imana?ahubwo turakeneye ahantu aba jeunnes bashobora huhurira bagatambira Imana aho kuja muri brjya bishegu.

  • Mana weeee Eddy Kamoso uruwambere bafungure amaso rwose,ahubwo nanje nzakizawo numufasha waanje pe,ese uzi akababaro kumarana numugabo imyaka mutarashokana ngo mu byinana basi,en plus akaririmbo k’Imana.none se ko tutemerewe kubyina iz’isi n’izihimbaz’Imana nazomuzitubuze koko?Anitha va kubantu b’amashyari bwana chapa Kazi yako .Uri Mc mwiza twemera kandi Eddy Kamoso turakwemera kuko utagira amacakubiri mu muziki ukwiye igikombe peee

  • Ariko Abarundi murantangaza pe,ubu ikintu Kamoso yakoze kitajanye nagakiza nikihe?muzater’imbere ryari nimba mukigira amacakubiri?Eddy turakuzi wahinduye byinshi mu rwanda,aho abaririmbyi bose bafata co kimwe batarinze kuvuga ngo uyu nuwa gospel cyangwa uyu nuwa secula,nukuri ukwiye trophé ahubwo nibakwigiriho.batangiye kugira ubwoba batarakubona kuri stage?nibatubaze abanyakigali,abanyabutare ukuntu ibitaramo byawe ntawundi urabikorakubera ubuhanga nimyiteguro.courage Brother va kubafilistiya batakebwe.

  • Moto,moto,Moto choma wa contre succés choma,Kamoso Walewesheeee wachanganyikiwe ile bwivu ju byenye unaleta hakuna mwenye alishaka bifanya,unajua kitu ina creativité ,Kanyaga kanyaga,Kanyaga shetani,niko Bukavu mais ndafika Buja kabisa.Yo oza grand Mokonzi na monde ya Gospel.Wape correction wavivuuu

  • Afrikaaaa haha;Afrikaa haguruka ukorere Imana ubone amahoroooo yoooooooo uzairimba se?inkoko niyo ngoma ndafata Volcano nze i bujumbura tuzagushyigikira batangare Bishop KAMOSO wacu

  • Ariko Mana Abarundi mwabaye Bate,mwebwe nta byiza muvyga koko?ku ma radiyo muba abambere gusebanya mugasebya nigihugu cyanyu mu mahanga,nabagerageza kubatez’imbere mugapinga kandi mudakora.ese muzi ukuntu uwo mukozi w’Imana yubahwa muri aka karere?nibangahe bagerageje kuzana Esther Wahome mu rwanda no mu Burundi bikanga?tuzaza mu gitaramo Gushyigikira umukozi w’Imana ariko tubacishijemwo ijisho pe.Papa KAMOSO ubu nibwo dusigaye tubona akamaro kawe mu Rwanda pe,Dukumbuye ibitaramo bisukuye,bihuza abantu bose hapana biriya batobanga.My GOD BLESS YOU FOREVER AND FOREVER my Big Pastor.Zion Temple i kigali turagukumbuye cyane.

  • uno mugabo mengo afise umuti basha,Esther wahome yamwemereye gute wa mugani,muraraba neza ko badakundana.kino giteramo kizoryaha ntanguye kubibona kabisa.Igitipe ca Kamoso kirakora basha nibakiveho

  • yambiiiiiiii,Kamoso wacuuuu je nzokuzaniro uru gift pee urazi ibintu,ndi umu jeunne marié uwo munsi utinze gushika twitambire.Motooooooo

  • Kamoso je ndakwera mutama ,urazi utuntu Imana iguhezagire cana kandi uwo munsi nzoshika kare ndakurabe wewe na Esta wahone

  • Huyu njo Artiste banasemaka anajua creer ma Bizz,si anatuma munasema?Kamoso tokoya na maboko polele ko soutenir yo Papa.Ba congomani,wanyarwanda wa kenya bako nyuma yako.Motooooooooo coma

  • aho sha bahe bahe Kamoso wacu,Ndagukunda nkabura icyo nguha kabisa twahombye umuntu mu rwanda ariko nzaza kabisa courage.Anitha iyo ni promotion ikomeye peeeee,Eddy wee nzaguha iki koko?

  • utu mu filistiya ngo Bizi na Mireille muturekere pasiteri wacu,azobacanganya mute imitwe arazi co bita igiharuro ,turamushigikiye cane kuko ariko yugurura abakizwa mu mitwe.uzoreke kuza urabe ko concert itazoba,kandi uyu wasanga aruko yabuze amahera yo kukizamo,ingo nzokurihira wumve ambiance ya Yesu weeee.KAMOSO OYEEEEEEEEEEEE LE 17 MARS UMURIROOOOOOOOOOOO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.