Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibitagenze neza mu biteramo vya KINA MUSIC mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Ibitagenze neza mu biteramo vya KINA MUSIC mu Burundi

Ibitagenze neza mu biteramo vya KINA MUSIC mu Burundi

lundi 29 Kigarama 2014

Ibiteramo vyo mu rukurikirane rwa Volcano Xrismas Tour vyakoze n’abaririmvyi bari muri KINA MUSIC n’Abarundi vyaraye birangiye, muri rusangi vyagenze neza kandi vyitavye n’abantu isinzi mu bibanza bitandukanye vyahabereye ibiteramo hose. Hari n’ibitagenze neza mu biteramo.

Haba mu giteramo cabereye muri Musee Vivant canke i Gitega n’i Ngozi, ibiteramo vyari bifashwe mu mugongo na Volcano vyagenze neza. Abarundi bati:"Nta nyambo ibura agahonzi". Mu giteramo co kuri Musee Vivant harabaye ukutumvina hagati ya KINA MUSIC na SUPER LEVEL. Abo banyuma bamanitse ibitambara bitangaza igiteramo cabo kirimwo umurwi wa Urban Boyz mu gihe hariko haba igiteramo ca KINA MUSIC. KINA MUSIC yaciye ibimanura kubera SUPER LEVEL yamanitse ivyo bitambara(Affiches) kandi batasavye uruhusha rwo kubimanika mu giteramo cabo.

Mu ntara ya Ngozi bivugwa ko igiteramo cahagaritswe n’igi police incuro zibiri ku mvo z’umutekano, ivyo vyatumye umuririmvyikazi Knowless ataririmba. Ikindi naco n’uko abaririmvyi b’Abarundi bari baje gufasha mu giteramo co mu ntara ya GItega batashoboye bose kuja mu ntara ya Ngozi gufashanya na KINA MUSIC. Aha tuvuga abaririmvyi Happy Famba na Black batagiye i Ngozi, imvo ni kubera igiteramo ca Diamond. Ariko Lolilo na Rally Jo barashoboye kubandanya kuryohera abantu i Ngozi kuko igiteramo cahagaritswe bahejeje kuririmba.

Muri rusangi ibiteramo vyose vyagenze neza, KINA MUSIC yarabonye ko Abarundi bakunda umuziki wabo no mu bihugu bibanyi nk’Urwanda.

photo zose Afrifame Ngozi

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.