Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiza vy’impanuka bihitana abantu bigiye kurwanywa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ibiza vy’impanuka bihitana abantu bigiye kurwanywa

Ibiza vy’impanuka bihitana abantu bigiye kurwanywa

dimanche 15 Ntwarante 2015

Inama igira gatatu y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yo kurwanya ibiza bihitana abantu vy’imvura canke imyuzurira n’ibindi iriko iraba .

Muri iyo nama iriko ibera mu gisagara ca Sendai mu gihugu c’Ubuhinwa, ikaba yitabwe n’abakuru b’ibihugu n’abarongoye amareta batandukanye. Reta y’Uburundi muri iyo nama ikaba yaserukiwe na Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban ki Moon, akaba yavuze ko ari intambwe yambere ikomeye muri kazoza.

Iyo nama mpuzamakungu y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU y’ukugabanya amasanganya aterwa n’ibiza vy’amasanganya, ikaba ishitse mu gihe mu bihugu bitandukanye, abantu n’ibintu bimaze kuyogera kubera amasanganya avuye yaba kw’ihindagurika ry’ibihe, imyuzurira, imvura n’ibindi. I Kobe mu Buyapani, abantu bagera ku bihumbi amajana indwi baritavye Imana mu mwaka w’2005, bahitanywe n’impanuka, mu gihe abandi nabo bagera ku muriyaridi n’igice, iyo mpanuka yabakozeko yaba mu bisata vy’umutekano, imibano n’ingenzi.

Muri iyo nama yatanguye kuri uyu wa 14 Ntwarante, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu w’Uburundi Prosper Bazombanza akaba yabwiye abamenyeshamakuru igihe yagira afate indege aja mu Buyapani kuri uyu wa 12 Ntwarante, ko bazorabira hamwe n’ingene ivyo biza vyoza biragwanywa, mu gihe n’Uburundi bwigeze guhura n’ikiza c’imvura, igahitana abantu batari bake mu Gatunguru, mu mwaka uheze.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.