Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibizokogwa kw’isabukuru ya Mugabe biriyamirizwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ibizokogwa kw’isabukuru ya Mugabe biriyamirizwa

Ibizokogwa kw’isabukuru ya Mugabe biriyamirizwa

vendredi 20 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Umunsi mukuru w’agakura, ukubaga ibimasa, nivyo bitegekanijwe ku munsi mukuru w’amavuka w’Umukuru w’igihugu Robert Mugabe aho azoba arumanije imyaka 91 ariko mu mashirahamwe akingira ibikoko bakaba batanguye kwiyamiriza iryo tunganwa ry’uwo munsi mukuru.

Kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma niho hategekanijwe ibirori vyo guhimbaza imyaka 91 y’Umukuru w’Igihugu ca Zimbamwe, Robert Mugabe. Muri ivyo birori vy’agakura, hakaba hatumiwe abantu barenga ibihumbi mirongo ibiri. Kuri uwo munsi, hakaba hategekanijwe mu mfungurwa inyama z’intambwe, z’inzovu n’izingeregere, abamenyeshamakuru bo muri ico gihugu bagaharura ko nk’inzovu zigera kuri mirongo itatu zizokwicwa.

Amashirahamwe akingira ibikoko akaba yatanguye kwiyamiriza iryo tunganwa ry’uwo munsi mukuru kuko ku bwabo ivyo bica kubiri n’imibereho n’akarangamutime ko muri ico gihugu, ariko kandi bakananegura uburyo buzoja muri uwo munsi mukuru ko buzoba ari umurengera, kuko boyakoresheje ibindi, nko kwubaka amabarabara, amashure, amavuriro n’ibindi.

Mu mwaka uheza, uguhimbaza isabukuru ry’imyaka 90 y’uwo mutegetsi vyatwaye amahera angana n’ibihumi amajana umunani mu mafaranga y’amanyaburaya (800.000 euros). Igice kimwe kikaba carishwe na Reta y’ico gihugu, ayandi arihwa n’abategetsi bo mu mugambwe uri ku butegetsi.


Alida S.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.