Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Ibohero ribangamiwe n’ubwinshi bw’abapfunzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Ibohero ribangamiwe n’ubwinshi bw’abapfunzwe

Gitega : Ibohero ribangamiwe n’ubwinshi bw’abapfunzwe

mercredi 8 Ndamukiza 2015

Ibohero ryo mu ntara ya Gitega ryari rigenewe abanyororo 400, ubu rifise abagera hafi amajana indwi, nk’uko bivugwa na Emmanuel Niyonkuru arirongoye.

Iryo bohero ryubatswe mu mwaka w’1926, rikaba ririmwo abagabo barenga 600, abagore 34 hamwe n’abana 2. Igitigiri c’abanyororo cahavuye kiba umurengera, Emmanuel Niyonkuru akavuga ko ivyo biri mu mabohero nka yose. Ariko rero uko iryo bohero ryubatse, ni uko abagabo n’abagore baba mu makaratiye atandukanye, abana b’abayabaga nabo baba ahegereye abagabo. Kubera ingingo ya Reta yo gutezurira abanyororo bamaze ica kane c’umunyororo bigenza neza, igitigiri cabo kigenda kigabanuka.

Amakosa akunda kwagirizwa abanyororo ni menshi, ariko ayibonekeza cane ni ayajanye n’ubusuma, ukudandaza ibidandazwa vyaguzwe bidaciye mu mategeko, abafata abigeme canke abakenyezi ku nguvu abakozi bo mu gikoni basambanya abana bareze, abagore canke abigeme bica abana babo n’abapfunzwe bagirizwa ko bagandaguye abagabo canke abagore babo. Ikindi giteye isibe, avuga ni abanywa canke badandaza urumogi bigashika mbere bakarunywera mu busho, canke mu mabohero. Ubu rero abajejwe gucungera ibohero rya Gitega amenyesha ko bararikanura, ku buryo n’uwugemuye bamusopa.

Aho baboneye ko bikomeye abagemura bajanwa na tubiri, baciye bafata umugambi bise “Gutibura”. Uwo nawo, ni uw’abantu bamwe bamwe bafata igitekero c’urumogi, baterera imbere mu rugo rw’ibohero, hanyuma abanyororo bari imbere nabo bakagitora. Uwurongoye iryo bohero, akaba avuga ko atabatoroka, abajejwe gucungera iryo bohero bagerageza kurikanura, kugira ntihagire uwobaca mu mwanya w’intoke.


Arisdtide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.