Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibohero rya Gitega : Ubwoba n’amakenga vyugarije abanyororo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ibohero rya Gitega : Ubwoba n’amakenga vyugarije abanyororo

Ibohero rya Gitega : Ubwoba n’amakenga vyugarije abanyororo

mardi 6 Gitugutu 2015, par egide

Abanyororo bo mw’ibohero ry’i Gitega bazindutse mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri batekewe n’ubwoba bwinshi butewe n’imiduga y’igiporisi yashikanye kuri iryo bohero abapororisi benshi bakuwe i Bujumbura. Abo banyororo bakaba batewe ubwoba bw’uko batazi ikigenza abo baporisi.

Ivyo bikaba vyabaye muri iryo bohero ripfungiwemwo abagirizwa gutembagaza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, inyuma y’imishamirano yabaye ku mutaga wo kuri uwu wa mbere hagati y’abaporisi n’abanyororo bapfungiwe muri iryo bohero ry Gitega. Muri iyo mishamirano, abanyororo babiri barakomeretse, n’umuryango utandukanya abandi banyororo hamwe n’ahapfungiwe abagirizwa ihirikwa ry’ubutegetsi urasamburwa.

Muri ukwo gushamirana, abanyororo bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega ku mutaga ko wo kuri uwu wa mbere bariko bafasha bagenzi bagirizwa ihirikwa ry’ubutegetsi, kwiyamiriza ikurikizwa ry’ingingo y’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi y’ugupfungira abo banyororo mu bibanza vyabo nyene, kandi n’ubundi bari basanzwe bapfungiwe aha bonyene.
Umutekano wagiye kugaruka ku mugoroba, inyuma y’aho iyo ngingo ihagarikiwe.

Intango ya vyose ni umuyobozi w’iryo bohero rya Gitega Emmanuel NIYONKURU, ari kumwe n’izindi ndongozi ku rwego rw’intara, hamwe n’izindi ndongozi z’igiporisi zari zaje ziva i Bujumbura, zinjira muri iryo bohero, zishitseyo umukuru w’iryo bohero, Emmanuel NIYONKURU yerekana ikete ryarungitswe n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, ryo kuwa 2 Gitugutu risaba ubuyobozi bw’iryo bohero gupfungira mu kibanza kimwe, batabonana n’abandi, abanyororo 28 bagirizwa ugutembagaza ubutegetsi bikabananira. Abandi bapfungwa baciye biyamiriza ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo, bavuga ko n’ubundi abo banyororo bari bapfungiwe mu ruhande rwa bonyene, bikaba rero bitari bitahuritse ico iyo ngingo yoba igamije.

N’aho iyo ngingo yari yabaye irabangirwa gushirwa mu ngiro, abaporisi benshi bakaba bazindukiye kuri uwu wa kabiri kuri iryo bohero, ariko tukaba tutaramenya igikorwa bagiye kurangura, ivyateye amakenga n’ubwoba abanyororo ko bagenzi babo bagirizwa ihirikwa ry’ubutegetsi boba bateguriwe gushirwa ahabonye kugira vyorohe kubatoteza canke kubaboreza igufa. Hakaba hari n’ayandi makuru avuga ko kuri iryo bohero hashobora gutegurwa igitero, mu ntumbero y’uguca hagandagurwa Général Cyrille NDAYIRUKIYE. Uwuburanira Général Cyrille NDAYIRUKIYE, umushingwamanza Onésime KABAYABAYA akamenyesha ko nawe nyene ayo makuru ayasoma ku mbuga ngurukanabumenyi, ariko akavuga ko naho atazi iyo ayo makuru azanana, ko atawoyafata minenerwe, afatiye ku cuka ca poritike n’umutekano igihugu kirimwo.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • mbega babica babahora iki? haruwo bishe?mbona abicanye kuva kera atanumwe aricwa!!muko bakorera kurabo bari i gtega nibabanze barondere ababitanguye.izo ntumva

  • ariko Abahutu ga yemweee! ubu wombira ko woshaka gutembagaza ubutegetsi bwa Kagame ufashwe ukarokoka? canke ukaronka umushinzwa manza akuburanira kugushaka gutembagaza intwaro ya Kagame? nkurunziza utaravye neza uzoba iciro ry’umugani, vyoba vyiza ukibandaniriza usenga ukanasengera igihugu cawe ariko ukinjuriye abazi gutegeka aho kumera kumugabo yahawe jondama n’umugore uri perezida

  • Mbega aho ntanisoni gutora bataillon yose ija kwica abapfunzwe, nta mugayo iyo muva, mugwana nababoshe, ntaco muzovamwo kabisa

  • Birateye ubwoba bagomba guca babica barakabona bayinteye.

  • UWUBUZE IVYAKORA AKORA IBITERASONI NKIVYO!MBE BASHUMBA BA PETERO MUZOKWIRWA HE AMABOHERO MUYUJUJE ABANDI?

  • UWUBUZE IVYAKORA AKORA IBITERASONI NKIVYO!MBE BASHUMBA BA PETERO MUZOKWIRWA HE AMABOHERO MUYUJUJE ABANDI?

  • Abo ba putschiste bashaka kutumara,mbega kuberiki batera umwaga mu ma prison?Bari bakwiye kuja mu kuzimu bakarekera ibibanza abataco bakoze gihambaye,aho mubona batera umudugararo kuberiki izo mbwebwe,ubuho n’abahora babavugira badukanasha ku mfashanyo,ko atazo bakiduha bishimiye iki,iyo nari kuba umu polisi je nari kubica mwese nanje ngaca niyica nka wa mu jeune wo ku mutakura ,mwibaza iki,nuko muhura nabakurikiza amategeko,ivyo bigesera biraja ngaho bikarekura ivyo bitwe niyo mizuru,muzoteba mwibonereko

  • Turagowe Kweli! Ntamuntu Ari Mw’ Ibohero Yinjirigwako N’abandi Bantu Batahaknra. Mwabapolisimwe, Erega Birashika Ko Ejo Ariyo Muzoba Muri. Acntu Bazobatwenga. N’ Areke Kubateranya N’ Ababanyi, Incuti N’ Abagenzi, Buraca Bugacana Ayandi.

  • Turagowe Kweli! Ntamuntu Ari Mw’ Ibohero Yinjirigwako N’abandi Bantu Batahaknra. Mwabapolisimwe, Erega Birashika Ko Ejo Ariyo Muzoba Muri. Acntu Bazobatwenga. N’ Areke Kubateranya N’ Ababanyi, Incuti N’ Abagenzi, Buraca Bugacana Ayandi.

  • MWARA.TOMBOYE,NTARUMUTEGETSIMUGI,SODA,AYOMAZURU,NIVYOBITWE,BIBABIRI,MUKABURI,

  • Nyamba ariwe fselite, urucira mukaso rugatwara nyoko,rindira gato, nta mvura idahita!Ayo majambo nayavuye muri wewe?aaaaaemwe amasema nimenshi!Mbe warumvise ivyo muka nkurumbi avuga ngo yareretswe? Ikigabo kimwe cakorotse kikameneka ni dolofo,rindira ibindi birinyuma,muravuga mutazi ico muvuze,bamwe amaguru ikirereta mukirere barimugukoroka ni bamwe baheruka guhusha harimwo umugabo wiwe,za murarota neza rero kandi mumenye ko ......!

  • @alice irumva
    Izo nsiguro utanga ubifitiye urupapuro rw’umutsindo canke wamvyumvise kwa so na nyoko bapanga imipangu yo kwica abahutu?Ivyo navuze ndavyemanga ,mbe ivyo vy’imvura mutubwira ni ibiki,ngo rugatwara nyoko,nimba arivyo kandi bifise agaciro uvuza amaruru y’iki?Ndabisubiyemwo aba ba putschistes ntibategerezwa kwagisha amabohero,bongera bigira surivu,abo bapolisi nta kazi bazi.

  • jew mbona ari ugusengera igihugu cacu

  • Abarongoye igihugu bari bzkxiye gufata ingingo zihumuriza,zitatuma abo barongoye babura umutekano.

  • Abarongoye igihugu bari bzkxiye gufata ingingo zihumuriza,zitatuma abo barongoye babura umutekano.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.