Accueil > Amagara y’abantu > Ibura ry’ubumwanya bwo kubikamwo amaraso bwatumye umuvyeyi yitaba (...)
Ibura ry’ubumwanya bwo kubikamwo amaraso bwatumye umuvyeyi yitaba Imana
mercredi 20 Myandagaro 2014
Mu gisagara ca Bujumbura, hari umukenyezi yari ahejeje kwibaruka barinze kumubaga, yitavye Imana bivuye kwibura ry’amaraso.
Uwo mukenyezi yitavye Imana yaturuka muri komine Nyabihanga iri mu ntara ya Mwaro. Amakuru ava ku ncuti ziwe amenyesha ko uwo mukenyezi yari yamanutse kwibarukira mu gisagara ca Bujumbura kuko ariho yizera kuronka abaganga bomufasha mu gihe hogira ibigorana kandi ko ari naho hari ibikoresho bikwiye vyo kubaga.
Igikorwa co kumwakira arinze kubarwa catanguye igihe c’isaha imwe y’igitondo. Inyuma yo kwibaruka, incuti z’uwo muvyeyi zimenyesha ko yaciye atangura kuguma ava amaraso menshi mu gihe ivyo bitaro bitari bifise amaraso kubera ubukene bumaze iminsi. Uwo muryango uvuga ko wagiye kumenyeshwa ko habuze amaraso inyuma y’amasaha abiri. Mbere hari umwe mubari aho yagomvye gutanga amaraso ari muri wa murwi 0plus, ariko akamwanya ko kuyashiramwo kakaba karakenye.

Tubamenyeshe ko indwi zibiri zirangiye ikigo cegeranya amaraso CNTS kitagira utumwanya two gushinguramwo ayo maraso mu gihugu cose. Ubuyobozi bw’ikigo CNTS buremeza ayo makuru y’ikena ry’utwo tumwanya, ariko bagasigura ko vyatumwe n’uko abo basanzwe babugurira bikweze kubuzana, bigashobora kuba vyatumwe n’uko ico kigo gisanzwe kibaheraniye amafaranga atari make, ariko ubu ico kigo kikaba kimaze kuriha igice cayo. Ubwo buyobozi bukaba bwijeje ko guhera kuri uno wa gatatu,igenekerezo rya 20 Myandagaro, ubwo bumwanya buzoba bwabonetse.
Floxella Karire