Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ibuye riba mu mazi ariko amazi yo ntaba mw’ibuye
Ibuye riba mu mazi ariko amazi yo ntaba mw’ibuye
vendredi 1er Ruhuhuma 2013
Harya ibuye rishobora kumara imyaka myinshi mu mazi ariko ntirizokwigera ryinjirwamwo n’amazi birumvikana ko iyo urikuye mu mazi ataco biba bitwaye , ivyo bisobanura ko umuntu ashobora kuva ahantu ntumenye ko yahavuye kuko n’igihe yari ahari ataco yigeze akora.
Nk’uturorero tubiri, hari nk’abantu benshi baba mu madini canke mu mashengero ariko ugasanga bamazeyo imyaka myinshi ariko batigeze bahinduka na gatoyi, mbere bakabayo badahinduka batagira nico bahindura. Abantu nk’abo uca usanga bagaya vyinshi gusumba ivyo bashima kuko kenshi na kenshi ivyo wiyumvira nivyo ubona ikindi rero umuntu asa nivyo yiyumvira.
Akandi karorero umuntu ashobora kuba mu gihugu coco ntikimubamwo ,muri make ushobora kuba mu gihugu utagikunda mbere ukabamwo ata kamaro ugifitiye, kuko igihe cose ivyiyumviro vyawe biba hanze y’igihugu wavukiyemwo ivyo bigatuma utamenya umunezero ukirimwo.
Umuntu nk’uwo aba m’ubuzima bwo kunegura no kugaya ,ugasanga ashima ivyo ahandi gusumba ivyo iwabo akiyibagiza ko ashobora guterera mw’ihinduka ry’igihugu ciwe c’amavukiro.
Ivyo ubisangana cane cane abanyafrika usanga bitaho kuja i Buraya n’ahandi kure ya Afrika. Bene abo bantu baboneka nk’abanyantege nke kuko bakunda kuja muvyo abandi biyubakiye nk’aho batorondera ivyabo.
Kenshi rero hari igihe umuntu aja kurondera amahirwe ahandi ariko agasanga yayasize aho avuye bikaba nko kwizungurukiraa ukagaruka mu nzira wari warataye.
Twese rero ni muze dukunde ibihugu vyacu naho woja ahandi ntukifurize igihugu cawe inabi kuko n’aho wogira umunezero utari mu gihugu cawe, umunezero wa mbere uri mu gihugu c’amavuko ,kuko amazi arashuha ariko ntiyibagira ibumbeho.
Joel Sengurebe
Messages
9 Ruhuhuma 2013, 05:22, par passy
mani jo na kera warebaga nkuzaba umuphilosophe pee nguherutse kera muri mashuri nukuri uriyumvira kuko ukora inkuru zisekeje kandi zirimo ubwenge bwinshi ok courage
6 Ntwarante 2013, 16:15
Igihe ndabashimiye cane mwandika ibintu vyabindi umuntu wese aronka ikibanza ciwe cane cane muriyo migani no munsiguro umuntu ashobora kwitora ikosa agaca yihanura jewe ndasoma ibinyamakuru vyinsi biri ku ma site y’Uburundi ntababeshe muratandukanye n’ibindi ibi bishobora gutuma yuko mu minsi iza Igihe ishobora kuzoba ikinyamakuru cambere abantu bakunda cane komera mugire imigisha
2 Mukakaro 2018, 02:01, par Pascal Key Love Pascal Nshimirimana
J Ndakeneyek Izo Nkuru Mwoza Murazindungkira Kur Facebook Mwoba Mukoze
15 Mukakaro 2018, 01:27, par Pascal Key Love Pascal Nshimirimana
Turakeneyek Inkuru Nkizo Mwoza Muraziturungikira Kuma Facebook Mwoba Mukoze