Accueil > Amakuru > Poritike > Ibwirizwa shingiro ntirikirungikiwe abanyagihugu
Ibwirizwa shingiro ntirikirungikiwe abanyagihugu
lundi 24 Ntwarante 2014
Abahinga mu bijanye n’ibwirizwa shingiro bamenyesha ko bitagishoboka ko umukuru w’igihugu arungika ibwirizwa shingiro ritatowe n’abashingamateka kugira abanyagihugu baryemeze canke barihakane. Kubw’abahinga, abanyagihugu baramaze kwerekana aho bahagaze biciye ku bashingamateka babaserukira, abo nabo bakaba bararihakanye ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 21 Ntwarante 2014.
Pascal Rwankara, umuhinga yanonosoye ibijanye n’ibwirizwwa shingiro amenyesha ko amategeko arekurira umukuru w’igihugu kurungikira ibwirizwa shingiro abashingamateka, canke abanyagihugu, umwe muri iyo mirwi ibiri ukaba ariwo uryiga. Ariko rero aho yarungitse hanse ntashobora guca arungika ahandi, ahubwo iryo bwirizwa ritarenganye mu nama nshingamateka rigategerezwa guca ribangira umwaka wose kugira risubire kwigwa.
- Pascal Rwankara, umuhinga mubijanye n’ibwirizwa shingiro
Nk’uko Pascal Rwankara abandanya abimenyesha, ibwirizwa shingiro ryanswe n’abashingamateka biba biheze, rigategerezwa gusubizwa muri Reta. Nka hamwe umukuru w’igihugu yoca acisha ahiwe akarirungikira abanyagihugu, uretse ko yoba arenze ku mategeko, yoba kandi yerekanye ko abashingamateka badaserukira abanyagihugu, kandi ariko amategeko yabivuga.
Egide Nduwimana
Messages
24 Ntwarante 2014, 14:56, par Come
Urakoze mushintahe kubwira aba bagabo batazi amategeko bakitwazaigikenye
24 Ntwarante 2014, 16:32, par ntadaroyavyose@yahoo.fr
Warakoze Jean Minani hamwe nabapirona kudatora rirya bwirizwashingiro ryaba cndd.natwebwe abarundi turahakanyeko tutazoritora.
24 Ntwarante 2014, 17:02, par mico
UBURUNDI muriko muratera imbere kabisa. Kubona abaporona n’abaforodebu ba Minani mutenera ririya bwirizwa shingiro byerekanye ko mwumva demokarasi icyo aricyo. Mutanguye kurenga iby’amoko muri demokarasi.Icyo mbivugiye ni uko aba opposants harimo abahutu ariko batemera iby’abahutu bo muri DD ariko bemera ibijyanye n’inyungu rusange. Abari muri gvt nabo ntibaravye ko ari abatutsi cygwa abahutu ariko bishyize hamwe bamagana iyo ngendo itari itari iya demokarasi. Ndabona hari n’igihe muzorenga amoko mukagendera ku vyiyumviro bizima vy’umugambwe. Courage les démocrates!
24 Ntwarante 2014, 17:32, par mukobwajana
ABA DD NTIBUMVA NKAHO BAZORENGA KU MATEGEKO BAGIRE ORCING EREGA NI IBIKOKO ARIKO ABARIMWO GIHAHE AVUGA NGO ICA BAKICA HAAAA
24 Ntwarante 2014, 20:46, par Gatore
Mbega nyene ryarimwo ibiki ko batabanje kubidusigurira? Burya barya banse kuja kuritora bibaza ko hari inyungu bari gutakaza. Ku bwanje, rikwiye kwitonderwa mbere na Arusha yose ikavanwamwo harimwo ingingo ziboneka nk’agasuzuguro kuri bamwe. Hama ni hagera tuzoje muri kamara mpaka, duheze dushire aho ibiharuro bizoba bishize. Ndashigikiye ko rihindurwa.
Abitwaza Nkurunziza nabo ni ukwanguha. Nibaje ku kivi bakore tuzotore ibikorwa.
24 Ntwarante 2014, 21:36, par Sikobizohora
Iryobwirizwa pita narize muhiriwe aritekeshe ibiharage twebwa banyagihugu turaryense.
24 Ntwarante 2014, 22:14, par 0727948017
Oya Twebwe,nibarituzanire Turitore,nahabandi,nibasumirinda Tuzofata,indegetuzekumutora,uwomutama,yakuyuburundi,habi mukome,DDturikumwe 5=5
25 Ntwarante 2014, 07:36, par Muhanuzi
Imana yaraye yerekanyeko idashigikiye abaturira isoko!
Nosaba abasenga ko bosenga kuko Imana iracakunda uburundi
25 Ntwarante 2014, 09:23, par barupas
AHUBWO BATEVYE KURIZANIRA BENEGIHUGU NGO TURYTORERE!!!! HAHAHA!!! BARYA BAPORONA BATINYA GUKUBITWA INTAHE MU GAHANGA NO KUBAZWA INGENE BISHE NDADAYE MELCHIOR N’ABANDI!!! IVYO VY’AMOKO ABANTU BITWAZA AHUBWO BIRAKWIYE KWITONDERWA!!! BAMWE BIGIRA ABATUTSI,ABANDI ABAHUTU,ABANDI NGO NI ABATWA ARI AMAGABURANYAMA GUSA!!! UKURI KUZOTEBA KUMENYEKANE!!!!
25 Ntwarante 2014, 09:28, par barupas
Ahubwo nbatevye kurizanira abenegihugu ngo turyitorere!!! barya Baporona batinya kubazwa ivyo bakoze muri 1993 mugabo ukuri kuzoteba kumenyekane kweli!!! iVYo vy’ubututsi,ubuhutu n’ubutwa bizoteba bihere!!!! AHUBWO RYITONDERWE RIHINYANYURWE NEZA!!! BURYA UBURUNDI BWAVUYE KURE!!!!
26 Ntwarante 2014, 18:00, par Emmanuel
Baribesha PETERO NKURUNZIZA ategerezwa kubandanya arongoy UBURUNDI kuko niwe se barundi yakuy uburundi mukaga bwari bugeramiwe.Dr Jean MINANI yavuze ngo niyator ibwirizwa shingira azaca yitw IMBUNUZA!!nomumenyesha k ubuh agiye kwitw IMBUNUZA 100% kuko yaray yiciy ishami yari yicayeko.