Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi w’urwaruka rwitanga ku rwego rw’igihugu watangujwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Umugambi w’urwaruka rwitanga ku rwego rw’igihugu watangujwe

Umugambi w’urwaruka rwitanga ku rwego rw’igihugu watangujwe

vendredi 5 Kigarama 2014

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza yuguruye umugambi w’igihugu w’urwaruka rwitanga (Projet National des Jeunes Volontaires). Urwaruka ruri muri uwo mugambi rusabwa kuzoterera mu kwubaka igihugu no gushigikira amahoro n’iterambere. Urwaruka rwahora rukora ibikorwa rwitanga ruzofatwa mu mugongo mu migambi yarwo.

Umugambi w’igihugu w’urwaruka rwitanga watangujwe ku mugaragaro kuri uwu wa mbere waje kwishura umwitwarariko urwaruka rwari rwashikirije mu nama rukokoma yaruhuje mu ntara ya Gitega, mu mwaka w’2007, nk’uko vyashikirijwe mw’ijambo ry’umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imicokama, Adolphe rukenkanya. Ico gihe urwaruka rwabisaba kugira rushigikire umugambi wo kwitanga mu gusubiza hamwe, kwubaka igihugu hamwe no n’ugufasha mw’iterambere ry’igihugu.

Nduwimana Alice arongoye uwo mugambi abona ko ugiye gufasha cane urwaruka kuronka ubumenyi mu bijanye no gukora, kuko urwaruka ruri muri uwo mugambi ruzoba bitumwako mu mashihamwe atandukanye azoba akeneye abitanga, bahakure ubumenyi n’uburambe (expériences) bizobafasha kuronka akazi. Alice Nduwimana amenyesha ko umugambi usa n’uwatangujwe mu ntara za Ngozi, Gitega, na Bujumbura Rural, ariko ukaba uzokwiragizwa mu ntara zose z’Uburundi.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza avuga ko amategeko ashigikira umugambi w’abakora bitanga agiye gushirwaho

Igihe Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yagendera aho urwaruka rwariko rwerekana ivyo rukora mu kwitanga (Volontariat), Reymond Blaise Habonimana (Scout), yavuze ko bobo co kimwe n’ayandi mashirahamwe y’urwaruka batanguye kwitanga kuva kera. Ariko ishirwaho rw’uwo mugambi rije hageze kuko abazoba muri uwo mugambi bazoterwa intege mu bikorwa vy’abo kandi bazoheza bagahanahana ubumenyi bakuye muvyo bahora bakora, kandi bakaba bungutse itegeko rigenga abakora bitanga rigiye kujaho.

Mwomenya ko uwo mugambi utanguranye n’urwaruka rugera kw’ijana, akaba ari umugambi ugiye kuzofatwa mu mugongo n’umugambi w’ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe iterambere (PNUD). Mu gusozera ibirori vyari bishigikiwe n’umurisho w’ingoma wavuzwa n’umurwi waserukiye Uburundi mu gihugu c’Ubufaransa, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yagendeye inyubakwa iri mu bushikiranganji bw’urwaruka, ikibanza uwo umugambi uzokoreramwo.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Burya ntaguterimbere bisumbivyo, icodukomeje gusaba Imana nukwihanganiranira mugihe tubonye umunturunaka arikwarikoza ibitanezereye ntitumuhanuze inguvu canke ibitutsi nukumwitondesha amaherezo abazogerigihe agahinduka kukumutwaje inguvu mwohavamwonona utwariho mukabura vyose nkingata imenye, twirenderero ntiduhave tuzokwitwa baniwankabimeneke. Ndashimiye icegera cambere cumukuru wigihugu ivyobikorwa yazindukiyemwo turinyumazawe turagukunda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.