Accueil > Amakuru > Poritike > Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yarahiye abo basangiye umugambwe (...)
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yarahiye abo basangiye umugambwe badahari
vendredi 14 Ruhuhuma 2014
Reta y’Uburundi yari imaze indwi zibiri itagira icegera ca mbere, kuri uno wa gatanu yamuronse. Prosper Bazombanza yarahiye icese imbere y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
Afashe ibendera ry’igihugu c’Uburundi n’iry’ubumwe bw’abarundi, Prosper Bazombanza yarahiye agira ati : "Imbere y’abarundi bo bene Uburundi, jewe Prosper BAZOMBANZA, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ndarahiye ko ntazotirigana ku masezerano y’ubumwe bw’abarundi, kw’ibwiriza shingiro rya Repubulika y’Uburundi hamwe n’ayandi mabwirizwa kandi ndemeye ko nzoharanira ntiziganya ineza y’Uburundi n’abarundi, nkubahiriza ubumwe bw’abarundi, amahoro n’ubutungane kuri bose. Ndiyemeje kurwanya ivyiyumviro n’ingendo vy’ihonyabwoko, guharanira n’uguteza imbere agateka ka zina muntu n’akabanyagihugu bose no mu kwubahiriza ukwikukira n’imbibe za Repubulika y’Uburundi.»
- Prosper Bazombanza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yarahiye ko atazotirigana ku masezerano y’ubumwe bw’abarundi, kw’ibwiriza shingiro rya Repubulika y’Uburundi hamwe n’ayandi mabwirizwa
Ahejeje kurahira, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Prosper BAZOMBANZA yateye umukono ku ndahiro yari ahejeje kwiyemeza, imbere y’umukuru w’igihugu, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, abashikiranganji, abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka.
Conciriya Nibigira niwe "Mudasigana", umukuru w’umugambwe UPRONA yari yitavye ivyo birori
Abashingamateka bakomoka mu mugambwe UPRONA, nk’uko bari babigize ku munsi w’ejo aho Prosper BAZOMBANZA yariko aratorwa, nta n’umwe yahonyoje ikirenge mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe mu birori vyo kumwimika. Icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka, Kabura François, hamwe na Pontien Niyongabo, icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka, bompi bakomoka mu mugambwe UPRONA ntibitavye ivyo birori. Conciriya Nibigira, umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’umushikiranganji Edouard Nduwimana yari mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe wenyene, yicaye inyuma ya Prosper BAZOMBANZA. Aho mukumva ko na Bonaventure Niyoyankana atari muri ivyo birori vy’iyikwa ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.
- Concilie Nibigira, umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu
Muri iyo ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, icabonetse n’uko intwazangabo zo mu gisirikare n’igiporisi zari nyinshi cane kurusha uko vyahora, Prosper BAZOMBANZA akaba yari yicaye ku murongo umwe na Lieutenant Général Adolphe Nshimirimana, umukuru w’urwego rw’igendereza, hamwe na Général Ndirakobuca Gervais batazira "NDAKUGARIKA", umuyobozi mwishikira mu biro bikuru vy’igendereza. Inyuma ya Prosper BAZOMBANZA hakaba hari Conciriya Nibigira, asanzwe ari nawe yarungikiye iryo zina umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Muri abo banyecubahiro batashoboye kwitaba ivyo birori, twobamenyesha kandi abahoze ari abakuru b’ibihugu, uwuserukira igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, hamwe n’abihebeye Imana baserukira ekereziya Gaturika. N’umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri usanzwe nawo uri muri Reta nawe, Yohani Minani ntiyari muri ivyo birori.
- Kuva i bubamfu uja i buryo : Prosper Bazombanza, umupfasoni wiwe, Général Ndirakobuca Gervais, Lieutenant Général Adolphe Nshimirimana
Amakuru yo kwizerwa atangwa n’abegereye ibiro vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu, n’amazina atatu y’abashikiranganji basubirira abatanze imihoho, amazina yatanzwe na Conciriya Nibigira, ashobora gushikirizwa inama nshingamateka kugira iyemeze. Abo batatu ni GITERUZI Dieudonné bivugwa ko agira ahabwe ubushikiranganji bw’ubudandaji, NkEZABAHIZI Tharcisse mu bushikiranganji bw’iterambere ry’amakomine, hamwe NGARUKO Francis mu bushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru (mukamenya ko uwo Ngaruka Francis nawe ari mubatitavye ivyo birori vyo kwimika icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Bose uko ari batatu basanzwe bakora mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.
- Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, ahagatijwe n’ivyegera vyiwe bibiri
- Lieutenant Général Adolphe Nshimirimana, umukuru w’ibiro bikuru vy’igendereza (i buryo), ari kumwe na Général Gervais Ndirakobuca (i bubamfu)
Prosper BAZOMBANZA icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ni nde?
Prosper BAZOMBANZA ni umuhungu wa KIGANAHE Théophile na NTIBARUHISHA Régine. Yavukiye ku musozi KIZI, komine Rusaka, intara ya Mwaro, ku genekerezo rya 16 Ruheshi 1960, kandi arubatse. Amashure matomato yayize i Mwaro, ayisumbuye ayiga i Gitega, aya kaminuza nayo ayiga kuri Kaminuza y’Uburundi, ari naho naronkeye urupapuro rw’umutsindo rwa "Ingénieur Civil en Génie Electromécanique.
Ku myaka 54 y’amavuka, Prosper BAZOMBANZA ashinzwe amabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mu gihe yahora akora mu murwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matunga.
- Prosper Bazombanza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu
- Gervais Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ariko akeza Prosper BAZOMBANZA, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu
Egide Nduwimana
Messages
14 Ruhuhuma 2014, 11:41, par josua
Coup d’état. Biratwengeje. Abahutu baciye ubwenge aho bakubita such sophisticated coup d’etat.
14 Ruhuhuma 2014, 11:58, par Tollo
Bamurahije nyene kunguvu kugir’imiganbi yabo iranguke ewe jewe narumiwe ahubona.
14 Ruhuhuma 2014, 11:59, par nsumirinda Prosper
Ndawutoye kubona icokirwarudubi. Umuhemu arahira indahiro iyihe? Uwo ko atakizira iwe. Arogokeye igihugu n’umuryango wiwe.
Umunsi mukuru wa Saint Valentin au couple BAZOMBANZA-NIBIGIRA.
Agakecu kanje kandekere!!!! kandekere!!!!
Murihaye amenyo y’abatwenzi
14 Ruhuhuma 2014, 12:13, par josua
Niyoyankana yasaze nyabuna niba agisigaranye incuti n’abagenzi Ni mumujane mubi talk byabagwayi Bo mu mutwe. Araja gutora uwo adashoboye gushigikira. Nawe uyo mupfakazi wumukecuru arasaziye igihugu nabi. Ntanjeka igihugu kirabogogwa. Mbe izo nteko zaba Genereaux zazanywe gutera ubwoba bande? Ko barutwa nu mu sous- lieutenant wumu Komagu yarangije ISCAM.
14 Ruhuhuma 2014, 12:19, par kamwenubusa
Genocide iriko iranuka ngaha
14 Ruhuhuma 2014, 12:42, par Nayuburundi.
Hahaha ibintu vy’uburundi same time biratwengeje ahandi bigatera ubwoba none karaciye ingani ba busokoza nabandi birikumwe kumengo vyari ibihangange!!baremeye umugambwe ubacike babona!!baratwenze Rwasa Agatho bamuta murudubi nibamanze bawunwe nabo bunve ukungene biryumutima
14 Ruhuhuma 2014, 12:57, par Incabwenge za none
Mission Réussi!!!
14 Ruhuhuma 2014, 12:57, par wel
welcome prosper
14 Ruhuhuma 2014, 13:10, par Carhage
Nkurunziza a réussi à tacler en beauté les Uportunistes
14 Ruhuhuma 2014, 13:44, par Vianey
Niho ari umuhemu Prosper Bazomanza biramusa aba CNDD bagiye baronka umuntu barusha kuberwa none yabuze nikoti imubereye ? Nomutije rwanje none nigihemu .
14 Ruhuhuma 2014, 13:59, par NTIHEBUWAYO iSAÃ
Mwaretse kwandika ivyubwoko canke ngo Génocidé, mwitondere igihugu gusa ico nohanura abarundi bose nuko nimbe koko Leta ya Muzehe idakora neza nawe ukonyene, twinumire tuze tuvyerekane mukumutsinda muri 2015 be nabiwe bose. Itondere gutukana Imana iracakunda igihugu aho ivyo biba ntihagire abipfuza guhirika ubutegetsi nka 1993. Naho Hariho ibitameze neza twarateye gato imbere. ngaho rero, reka ubunwa, igisha abanyu muze mubatsinde umwaka uza. UPRONA nitekereze kuko yarafashije isamburwa rya FNL ya Mutama Agathon yumiwe nivyi Burundi.
14 Ruhuhuma 2014, 14:27, par kamwenubusa
Concilia ageramiwe na SIDA ariko aratamba avamwo, petero nawe asigaye mw’iizinga wenyene. yaratumiye embassadeur wa leta zunze ubumwe z’america ngo aca atabura urwo rukaratasi imbere y’uwaruzanye. Union européenne yoyo buca ifata ingingo yo guca petero mu bihugu bigize ishirahamwe rya buraya kubera ingendo yiwe yo guhonyora democratie izuba riva. IBINTU BIRIKO BITERA BISUBIRA INYUMA KANDI HARIKO HARABA CHANGEMENTS ZINYARUKA CANE. abaza kuhasiga agatwe ntimugire ngo sinababuriye
14 Ruhuhuma 2014, 14:33, par UBUTIGU BURAGEZE
uyu mugabo kuki batamuguriye costume imukwiye??? inyishu ngiyi: Petero azaza aramwinyegezamo imbere muri costume hama avuge discours tugirengo ivuzwe na prosper kumbe akanwa ari aka petero. hahahaha ikindi casekeje ni irya nyambaro ya adolphe nshimirimana, isa n’amaraso kurya yamenyereye kuyasesa biramusa. Concilia nawe sida iriko iramukoresha ibidakorwa.
14 Ruhuhuma 2014, 14:46, par Mahigo.
Uwo mugore arafashe NIYONKANA mugahanga kabsa ananirwe kurinda numugore aramufashe nabi gose ari jewe sinovemera
14 Ruhuhuma 2014, 14:51, par Bujumbura
ewe burundi waragowe uzingamitswe n’abansumirinda n’ibihemu gusa,abategetsi benshi baronderera inda zabo gusa,,, ariko murabona ingene bahemuka pe ,ubuntu bayi
14 Ruhuhuma 2014, 15:22, par bosco
reka amajambo mugwize ibikorwa
canke naho muvuge mutahire kuvuga.
14 Ruhuhuma 2014, 15:40, par WILLY SAKUBU
IYONKURU IRATENYE UBOBA KANDI BIRASHOBORA GUKWEGA INTAMBARA MANA FASHA UBURUNDI ABATWARA BIKEBUKE UBURUNDI AGEZE KURD MURAKOZE
14 Ruhuhuma 2014, 16:21, par Hatorimana Mike
Umuntu aribaza ati mbega NIYOYANKANA Bonnaventure ko ataj gushigikira uwo yatoye?biratangaje pe!
14 Ruhuhuma 2014, 18:20, par bizimana
barundi, dusenge imana niyonsa izodufasha muraya makuba turimwo, ubu bwicanyi, uku kurenganya abandi, uku kuryana dusangiye ubwoko ugasanga turamaranye ataco dufa, mu bwoko bwose, si aba tusi, si abahutu twese dukunda inda, uraditanywe n ubwoko ahitanwa n imigambwe, imiriro, amazi , fukama dusenge ingwano ntawe yereye, amaraso yabantu arahuma, muntu wiyumvira kwica uragowe, reka kudadaza kundane muri bamwe, ni dusenge twubake kazoza tureke kahise, kuko bose barafuye, si abahutu, si abatusi, fukama dusenge turageramiwe na shetani,tugume tubesha imana , yamara ntasoni
14 Ruhuhuma 2014, 20:27, par Wil mud
Mana zigama Uburundi. None ubwo mu Burundi nta barigumije bakihari? Hahemutse uwusanzw afise ico afungura;uwuraye atariye naw!? Bazombaza ndagusab usiguze ico izina ryaw risigura. Kuwuzi ico risigura narimusigurire. Mana zigama Uburundi
14 Ruhuhuma 2014, 20:54, par nsabiyumva
Mbega nimba IMANA concilia ayemera azosubira kuja gusoma igisomwa imbere yabakristo muri cathedrale REGINA MUNDI ........
MANA URATUBA HAFI
14 Ruhuhuma 2014, 22:56, par GIRAMAHORO
Mwebwe mwese muriko mwandika kuriki kinyamakuru,ndabasavye mugire URUPFASONI mukwandika mugira icomushikirije.Abagabo iyo bibananiye kuja inama muvyo bari bajejwe kurangura,nibareke ABAKENYEZI nabo bagerageze.akarorero ntimukabona muri centre-Africa,abagaba vyarabananiye UMUKENYEZI PANZA aca arahumuriza abanyagihugu.Namwe mwiyunvira intambara cira birarura.ntimuhendwe ngo muhumigwe.ahubwo ejonaho concilia natange abo bashikiranganji bace batangura ibikogwa.Abo bagabo naba bagume mumpari zamagaburanyama.namwemujejwe kugenzura ivyo twandika mwiki kinyamakuru ndabasavye nshimitse mukurikize iki CIVUGO CANYU,Namategeko agenga iyandikwa ryiciyunviro.MURAKOZE.
15 Ruhuhuma 2014, 00:27, par bosco
imana ifashe uburundi
15 Ruhuhuma 2014, 04:13, par Mama
Ndasaba abantubose bumva bishakira ibintu vyokwicana murazobigira mugabo mutavyitirira amoko. Umvajewe ndababwire jewendafisemfise abonita abagenzi bomunzego zohejuru mugwego rwintwaro abobose harimwabahutu nabatutsi, arikwabobose ntanumwe ahembwa ngo aheze ampeko nikingoro gitoboye, aborero iyobagiriraniye ingorane mukugabana ibibanza vyintwaro bacabazabirukanga kumbwira ngo nindabavugire canke ngo dufashanye gutangusa imivurungano mugihugu! uburero muzozamurambona mugihecamatora arikwamatoraheze mukaramuka munaniwe kugabangana ibibanza mukabona ko arivyiza komusekurana murazoyita intamba irihaganti yabapfise ibibanza vyubutegetsi ariko mureke kubiha ikibanza camoko keratwaravyemeye, please mureke kuzagushusha imitwe yabatamenya iyobiva niyobija muhengere bibananiye mucemuzamwirukanga kuduha imbunda namacumu nimvugo bwiyita ngo intambara iratanguye yamoko maze mucemwigira mukindigihugu gukurikiranirayo ukumuriro mwadometse ubicabigacika!!!, abarundi ngo ABABIPFA NABABISANGIYE! twebwerero abitwa abatutsi nabahutu and twa mutureke.
15 Ruhuhuma 2014, 10:00, par Kabizi
Erega nawe arakeneye akazu i Bujumbura!Abandi ba Ir biganye barafise akazu bashikiramwo i Bujumbura!Yokwama asaba indaro kuzoshika apfuye?Ariko yobaza Giswaswa amazi yamuturiye aho yavuye!Ivya DD birunze biharuye!
15 Ruhuhuma 2014, 10:09, par bosco
nukuri abantu dukoresha kwandika dukoresje urufasoni!nkugutuka umuntu mutangana bimaziki?portique sibitutsi.abipfuza kurwana nano bamenyeko ishamba twaritemye.kandi inda uyibaze uwayirayeko!muhenda abantu mugaca muguma mwirira amagi.uwurukarishije ruramumwa.muzobaze????!!!!!
15 Ruhuhuma 2014, 13:33, par NIBAYAHE BAYAKORESHE
BUSOKOZA NAMENYE KO ATACIJANA(72)!NABANDI BAZOKWEMANGA
15 Ruhuhuma 2014, 17:12, par Nwari
Mbega iyo mana muguma mutabaza nibiki imana yaduhaye igihugu ngo tugitunganye ahasiga nti tuyibaze , Umuntu umwe siwe tubaza kusaba imana ,? Ugurura amaso ,muhebe ubwoba hanyuma murabe ko imigisha itaza mu gihugu
16 Ruhuhuma 2014, 16:53, par MU KAMERE KACU,DUKUNDA KUGENDA DUHOZE,N’IBINTU TUKABIHINDURA MU (...)
Mbega Alexis Sinduhije yagiye he, ko atarangura kugira ico aterera ngo abivugeko aya muhe?
urya mwanya baguma baha abandi muri kabizi ya rpa, ni bawumuhe awukoreshe mu kuvuga aya muhe,hanyuma natwe tube turitwengera.
18 Ruhuhuma 2014, 12:56, par ISHAMI
MICHEL JOTODIYA W’IBURUNDI
19 Ruhuhuma 2014, 08:44, par Ndekatubane
Abo basore batubwira ngo baragiye mwishamba,ivyo baharanira babibitse he?Mbe botubwira umutumba,izone,i commune,i provensi tubeturareka igihugu bafashe??Mbe mwibaza ngo muzotunganya ivyi gihugu nkuko mwagenda murasahura inka n’inkoko zabarundi?Igihugu ntikiba icana muzogipfunyapfunya mugabo ntikizopfa!