IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegeranyo c’ibizokorwa mu gutsimbataza amahoro cemejwe

Icegeranyo c’ibizokorwa mu gutsimbataza amahoro cemejwe

vendredi 11 Gitugutu 2013

Icegeranyo c’abahinga ku bizokorwa mu myaka ibiri mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro mu Burundi caraye cemejwe n’abaserukira Leta bari kumwe n’abafasha Uburundi, mu nama yari ihagarikiwe n’icegera ca mbere y’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza, ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa kane igenekerezo rya 10 Gitugutu 2013.

N’aho agateka ka zina muntu gasa n’akateye imbere bagereranije n’umwaka w’2011, ico cegeranyo kimenyesha ko hagikenewe ibikorwa vyo kubandanya kwigisha abantu ibijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, kuva hasi gushika hejuru, kugira ibivugwa ko inzego z’umutekano rimwe na rimwe zoba zihora zikoresha igikenye bigabanuke. Umwanya wose agateka ka zina muntu gahohotewe, amatohoza ashika yokorwa, abagiriwe bagahanwa bisunze amategeko. Mu gisata c’intwaro rusangi n’agateka ka zina muntu, umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH : Commission Nationale Independante des Droits de l’Homme) uzokwongerwa ubushobozi kugira ushobore gukwiragiza ibiro vyawo mu ntara zitandukanye z’igihugu, gutyo abawitura boroherwe gusumba.

Ku bijanye na kahise hamwe n’uguhana ivyaha, amasezerano ya Arusha arategekanya ishirwaho ry’ubutungane bw’imfatakibanza buzoba bujejwe kunywanisha n’ukumenyesha ukuri kuvyabaye. Muri ico cegeranyo, bamenyesha ko abo vyega bose bazoshira ubushobozi hamwe kugira bagenzure ko ishirwaho ry’umurwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira ryisunze amategeko mpuzamakungu, kandi ko uwo murwi wokwigenga vy’ukuri kandi ukizerwa n’abarundi bose.

Ukutumvikana ku bibazo vy’amatongo n’ayandi matungo kwarongerekanye bivuye ku kutabona kumwe uruhara rw’umurwi CNTB (Commission Nationale Terre et Autres Biens) mu gutatura amatati. Mu gihe bamwe bavuga ko uwo murwi udashira imbere ukunwanisha nk’uko amasezerano ya Arusha abitegekanya, ico cegeranyo kimenyesha ko uwo murwi ukwiye guhabwa ubushobozi bwo gushobora kwisunga uguhuza n’ukunwanisha mu gutorera inyishu z’amatati y’amatongo n’ayandi matungo, ukurikije amategeko mpuzamakungu, kugira ibibazo bizoba birengeye umurwi CNTB bishobore kujanwa mu butungane.

Inyuma y’uguhanahana ivyiyumviro hagati y’abari batumiwe n’abahinga bateguye ico ico cegeranyo c’ibizokorwa, cahavuye cemezwa. Mukamenya ko ico cegeranyo gitegekanya ibizokorwa mu myaka ibiri (kuva 2014 gushika 2016), bikazotwara amafaranga angana imiliyoni 14 z’amadolare.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.