IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegeranyo c’intwaro ibereye mu gihugu caragiye ahabona

Icegeranyo c’intwaro ibereye mu gihugu caragiye ahabona

vendredi 26 Ndamukiza 2013

Bujumbura igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2013, umurwi w ‘ubushakashatsi, ubuhinga n’ugukorera mu muco, wagize ubushakashatsi ku bijanye n’intwaro ibereye, uburongozi mu gihugu, intwaro rusangi, abarongozi babushitse, n’ibijanye na politike mu gihe c’amatora.

Nk’uko bimenyeshwa na Christophe Sebudandi asanzwe ari umuyobozi nshingwabikorwa muri Gradis (Groupe de Recherche et d’Appui au Développement des Initiatives Démocratiques), akaba ari nawe yagize icirwa, ku bushakashatsi bagize ku ncuro ya gatanu yose mu gihugu c’Uurundi, biboneka ko abanyagihugu b’abarundi ubu ata cizere bagifise mu vy’intwaro ibereye eka ndetse n’iterambere.

Abanyagihugu barerekana neza ko igiturire, ubukene, ubwicanyi biri mu bintu bitabahumuriza.

Ku bijanye n’ubutunzi mu gihugu, abanyagihugu barababazwa n’aho bageze kuko ubukene be n’ibura ry’akazi mu gihugu bibarembeje. Ku bwiwe, ubutegetsi ni bwo busabwa kuza buraja hagati y’abanyagihugu hamwe no gusubiza ku murongo abantu bigenza nabi.

Ku bijanye n’umutekano, uwagize icirwa avuga ko ibice 80 kw’ijana vy’abanyagihugu bashima umutekano mu gihugu, 20 kw’ijana nabo baremeza ko boba barigeze guterwa muhira iwabo, mu gihe muri abo nyene 19 kw’ijana bavuga ko boba barigeze gusahurwa, 5 kw’ijana nabo ngo boba barigeze guhohoterwa babasanze muhira iwabo.

Ku bijanye n’ugufungura, 65 kw’ijana babajijwe bamenyesha ko gufungura bisigaye ari ingorane ku buryo bishobora gushika ugasanga umuntu aramaze n’iminsi adakora ku munwa. Kugira ivyo vyose bitorerwe umuti, n’uko ubutegetsi bwogerageza bukegera abanyagihugu kugira bubakure muri izo ngorane bavuga ko barimwo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.