Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Icegeranyo c’ubworozi bw’ibitungwa cagiye ahabona
Icegeranyo c’ubworozi bw’ibitungwa cagiye ahabona
jeudi 25 Ndamukiza 2013
Uburimyi n’ubworozi mu Burundi,nivyo bitunze igice kinini c’abanyagihugu,
muri iki gihe rero, biraboneka ko ico gisata citaweho n’inzego zigishinzwe.
Ivyo rero bibonekera haba mu guha ifumbire abanyagihugu,kubaronsa abigisha b’indimo,nab’ubworozi kugira umwimbu urwire.
Ni muri iyo ntumbero ubushikiranganganji bw’uburimyi n’ubworozi burikumwe n’abahinga muvy’igisata c’ubworozi, bagize icirwa kubijanye n’ubworozi bw’inka n’impene mu Burundi.
Ivyavuye muri ico cegeranyo bikazofasha mu gutegura umugambi w’ubworozi bw’ibitungwa nk’inka n’impene mu myaka itanu iri imbere.Ivyo vyamenyeshejwe na Hatungimana Giriberi umuhinga yakoze ico cirwa,kubw’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi kuri uyu wa 24 Ndamukiza 2013.
Aristide Nizigire
Messages
5 Gitugutu 2016, 00:05, par Burundi
Ubworozi bwi nka